IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gihanga : Amafaranga imiriyoni 11 yibwe muri COOPEC

Gihanga : Amafaranga imiriyoni 11 yibwe muri COOPEC

lundi 26 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Amafaranga y’amarundi arenga gato imiriyoni 11 niyo yibwe muri COOPEC i Gihanga, abayivye bakaba babanje guha ibiyovyabwenge umuporisi hamwe n’umunyezamu bacunga ahakorera iyo COOPEC.

Abantu bataramenyekana basanze kuri uwu w’Imana umuporisi hamwe n’umunyezamu mu kibanza bakoreramwo, i Gihanga kuri COOPEC (COOPERATIVE D’EPARGNE ET DE CREDIT), babaha inzoga y’urwarwa irimwo ibiyayuramutwe. Abo bacunga ububiko bw’amafaranga baciye basinzira gushika mu gatondo ko kuri uwu wa mbere.

Abo basuma bamaze kubona abo bacunga ico kibanza basinziriye, baciye babomora, binjira muri COOPEC, biba amafaranga yose yari muri ubwo bubiko, agera ku miriyoni hafi 12.

Uwari aje kugombora abaraye kw’izamu niwe yabonye ubwa mbere ko habaye ubusuma, aca aratabaza. Uwo muporisi hamwe n’umunyezamu bari bagisinziriye baciye babavyura, babatwara kwa muganga kugira babanze batore ubwenge, mu nyuma baca babajana mu giporisi mu matohoza.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.