IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gihanga: Ikiziga c’umugabo catowe mu murima w’ibikaju vya TBC

Gihanga: Ikiziga c’umugabo catowe mu murima w’ibikaju vya TBC

mercredi 15 Ruhuhuma 2017

Umugabo azwi kw’izina rya Gérard NTAKAZOHERA yahora arara izamu mu bikaju bikorwamwo isukari mw’ishirahamwe Tanganyika Business Company yaratowe ikiziga kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 14 Ruhuhuma,umwaka wa 2017.

Amakuru ava i Gihanga mu ntara ya Bubanza ahatowe ico kiziga amenyesha ko Gérard NTAKAZOHERA yatowe hagati y’ibarabara rya 8 nirya 9 yaciwe amatwi, amaguru n’amaboko biboshe.

Abahora bakorana n’umuhisi Gérard NTAKAZOHERA bavuga ko yari yazimiye kuva kuw’Imana igenekerezo rya 12 Ruhuhuma,umwaka wa 2017,kandi ko abakoze ubwo bwicanyi bataramenyekana.

Mwomenya ko iyo mirima y’ibikaju yatowemwo ico kiziga, ari naho yari asanzwe ararira ari iyo umurwizatunga Nahum BARANKIRIZA.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.