Accueil > Amakuru > umutekano > Gitega : Abasirikare babiri bishe umuntu bafashwe
Gitega : Abasirikare babiri bishe umuntu bafashwe
lundi 26 Ruhuhuma 2018, par
Abafashwe ni Adjudant NDABAHAGAMYE Janvier hamwe na Caporal Chef UWIMBABAZI Jonas. Abo basirikare bompi barashe umunyagihugu azwi kw’izina rya NGENZI Evariste, bakaba bamurashe amasasu 15 bakoresheje inkoho zibiri, aca yitaba Imana aho nyene.
Ubwo bugizi bwa nabi bwabaye mw’ijoro ryo kuri w’Imana rishira uwa mbere, nk’igihe c’isaha icenda z’ijoro, mu bunywero buri aho benshi bita kw’i Jabe, muri zone Mutoyi, komine Bugendana, intara ya Gitega.
- Abasirikare babiri bagirizwa ubwo bwicanyi
Mu giporisi bavuga ko icatumye abo basirikare barasa uwo muntu kitaramenyekana, bikaba bitegekanijwe ko baciribwa urubanza rw’ikibiriraho (Procès de fragrance).
Egide NDUWIMANA
Messages
27 Ruhuhuma 2018, 00:59, par Arnaud
sivyizaaa
27 Ruhuhuma 2018, 15:38, par kiza john
Ntagitangaje igisoda kibera mu bunywero,none ntuvyumva usanga police afise icupa ry’ikiyeri kwibarabara none urumva hali discipline,yewe burundi turagowe
28 Ruhuhuma 2018, 12:02, par Dezire
Uwishe Umuntu Nawe Yarakwiye Guca Nawe Yicwa . Nayandiho Gufugwa Gusa Ntibikwiye ! Icogihano Gikwye Gusubiraho
1er Ntwarante 2018, 06:46, par SEVERIN
NUKURI NIMUDUTOHOREZ ICATUMY BAMURASA UKWOKWOS NAWENYEN USANGA YARABATUTS KUK NTIVYUMVIKANA
4 Ntwarante 2018, 13:27, par REWI
NINKINKENDE