Accueil > Amakuru > umutekano > Gitega : Umugabo yishwe yagirizwa ubusuma
Gitega : Umugabo yishwe yagirizwa ubusuma
mardi 4 Ndamukiza 2017, par
Umugabo umwe yishwe mu ntara ya Gitega, yagirizwa ubusuma, nk’uko abanyagihugu begereye aho uwo muntu yiciwe babivuga. Abo banyagihugu bavuga ko bahisemwo kwihanira, kuko iyo bashikirije umusuma ubutungane budaca na kabiri atararekurwa.
Nk’uko bivugwa n’abo banyagihugu, ubusuma bwarenze urugero mu ntara ya Gitega, aho ibintu bitandukanye vyibwa ukuri kwamye, yaba ku murango canke mw’ijoro. Amazu arabomorwa, ibitungwa bikibwa, n’imirima igasoromwa n’abatayirimye. Abo banyagihugu bavuga ko bahisemwo kuza barihanira uwo bafashe, kugira barabe ko iyo ngeso yohera.
Abajejwe intwaro mu ntara ya Gitega basaba abo banyagihugu kwizera ubutungane hamwe n’intwaro, bavavanure n’ukwihanira, kuko hari abashobora kurwa mu mporera bakagirirwa nabi n’ababagirije ubusuma, kandi harimwo izindi mvo.
IGIHE
Messages
4 Ndamukiza 2017, 10:32, par barutwanimana rashid
jewendiyumvirako uburundi bwagendaneza?
4 Ndamukiza 2017, 16:20, par Wakera
Izo n’imbonerakure zamwishe kuko zikunda kunywa amaraso! Ntizoreka agapfungwa hakumwica kandi igihano cogupfa ko citwa ngo carahavuye!
4 Ndamukiza 2017, 18:31, par SAMWEL
Je ndunva uburundi bwokwicunga
5 Ndamukiza 2017, 07:07, par NDIHOKUBWAYO SIRIYAKE
Ni Vyiza Bahaye Bakora Ntyo Boba Gabanya.
5 Ndamukiza 2017, 10:17, par Aliella
Nivyiza Gutanga Akarorero Kuk Nohanyuma Abasigaye Bazotinya Gusubira Kwiba
5 Ndamukiza 2017, 23:21, par Orivier
Ndanezerew caneeeee Gose Kuba batanze akarorer Nabandi Biyumvir kwiba Nibateshwe Bat Guko izos Ntakaz Emw Gitega Ndayihay%
6 Ndamukiza 2017, 09:10, par CLAUDE
JEW ICONOBIVUGAK NUK BOREK KWIHANIR IY UMUNT YAFASHWE YIVY BOMUSHIKIRIZ UBUTUNGAN.BAGIY BARIHANIR HARINUWOGW MUMPORER
8 Ndamukiza 2017, 21:03, par Jean Baptiste
Nivyiz Kobatanz Akarorer Arik Bageze Ngah Kuk Bomenyera Kwic Ugasanga Bishe Nuw Bahora Ubusa