IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gitega : Umugabo yishwe yagirizwa ubusuma

Gitega : Umugabo yishwe yagirizwa ubusuma

mardi 4 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Umugabo umwe yishwe mu ntara ya Gitega, yagirizwa ubusuma, nk’uko abanyagihugu begereye aho uwo muntu yiciwe babivuga. Abo banyagihugu bavuga ko bahisemwo kwihanira, kuko iyo bashikirije umusuma ubutungane budaca na kabiri atararekurwa.

Nk’uko bivugwa n’abo banyagihugu, ubusuma bwarenze urugero mu ntara ya Gitega, aho ibintu bitandukanye vyibwa ukuri kwamye, yaba ku murango canke mw’ijoro. Amazu arabomorwa, ibitungwa bikibwa, n’imirima igasoromwa n’abatayirimye. Abo banyagihugu bavuga ko bahisemwo kuza barihanira uwo bafashe, kugira barabe ko iyo ngeso yohera.

Abajejwe intwaro mu ntara ya Gitega basaba abo banyagihugu kwizera ubutungane hamwe n’intwaro, bavavanure n’ukwihanira, kuko hari abashobora kurwa mu mporera bakagirirwa nabi n’ababagirije ubusuma, kandi harimwo izindi mvo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.