IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > ’’Guterera amatora bibaye itegeko bizoba bihonyanze ibwirizwa (...)

’’Guterera amatora bibaye itegeko bizoba bihonyanze ibwirizwa nshingiro’’-PARCEM

jeudi 31 Myandagaro 2017

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa kane igenekerezo rya 31 Myandagaro 2017, umukuru w’ishirahamwe PARCEM Faustin NDIKUMANA avuga ko iyo igihugu gishoboye kwitunganiriza amatora hakoreshejwe uburyo bwaco ari intambwe nziza,kuko vyerekana ko igihugu kiriko kiritunganya neza.

Faustin NDIKUMANA arongoye ishirahamwe PARCEM akavuga ariko ko Reta idasaba abanyagihugu guterera amatora mu gihe icarico cose, kuko ibwirizwa nshingiro mu ngingo yaryo ya 70 rivuga neza ko umunyagihugu aterera nk’itegeko mu gihe habaye impanuka isaba ko gushigikirana, ku matora naho akaba ari ibihe bisanzwe.

Faustin NDIKUMANA aboneraho n’akaryo ko kwerekana aho amafaranga yofasha mu gutunganya amatora yova, ibwirizwa nshingiro ry’igihugu ryubahirijwe.

Avuga ati:«Ibijanye n’amafaranga yo gutegura amatora bitegerezwa kuja mu nteguro y’itegeko rigenga amafaranga Reta ikoresha, kuko amatora ni igikorwa kiza mu biringo bizwi uko imyaka itanu iheze

Faustin NDIKUMANA amenyesha ko guhimiriza abanyagihugu guterera amatora ari kimwe,ariko iyo bibaye itegeko havuka ibindi bibazo kuko baca baraba ico ibwirizwa nshingiro ry’igihugu rivuga.

JPEG - 429.7 ko
Martin NDIKUMANA,arongoye ishirahamwe PARCEM

Umukuru w’ishirahamwe PARCEM Faustin NDIKUMANA akamenyesha ko intererano abanyagihugu batanga itegerezwa kuba yanditse mw’itegeko nk’uko biri ku makori n’amatagisi.

Umukuru w’ishirahamwe PARCEM amenyesha ko mu gihe guterera amatora ya 2020 rizogirwa itegeko, nk’abavugira abanyagihugu bazokwitura sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro, nk’uko babirekurirwa n’ibwirizwa nshingiro.

Kw’igenekerezo rya 7 Myandagaro 2017, umukuru w’igihugu yaraterereye amatora ya 2020 abicishije mw’ibanki nkuru y’igihugu,igisata gikorera mu ntara ya Ngozi, aho yatanze imiriyoni 5 z’amarundi,aca asaba abanyagihugu guterera umwe wese ku buryo afise n’uko abishoboye.

JPEG - 46.1 ko
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA aterera amatora

Haheze indwi zibiri gusa,umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE yasavye abajejwe intwaro mu gihugu cose c’Uburundi ko bokwumvisha abo barongoye ko boterera amatora yo mu mwaka w’2020, kandi ukwo guterera amatora kukaba itegeko kuri bose.

JPEG - 34.2 ko
Pascal BARANDAGIYE,Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Tubibutse ko kw’igenekerezo rya mbere Mukakaro igihe Uburundi bwibuka imyaka 55 iheze bwikukiye,umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yabwiye Abarundi ko mu gushigikira amatora yo mu mwaka wa 2020, abarundi bararikiwe gutanga intererano zabo kuri konte inomero 1110/267 yuguruwe mw’ibanki nkuru y’igihugu.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.