IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Guteza imbere intwaro n’inzego vyarasubiye inyuma mu Burundi

Guteza imbere intwaro n’inzego vyarasubiye inyuma mu Burundi

mardi 1er Myandagaro 2017

Nk’uko biri mu cegeranyo c’ibanki y’isi, Ibihugu vy’Urwanda, Senegal hamwe n’igihugu ca Kenya nivyo biza ubwa mbere mu bijanye n’intwaro mu karere ka Afrika ko musi ya Sahara, ariko ico cegeranyo cerekana ko iterambere mu vy’intwaro hamwe n’inzego bikiri ku rugero rwo hasi cane muri ivyo bihugu.

Icegeranyo gishasha c’ibanki y’isi cerekana ko igihugu c’Urwanda arico kiza kw’isonga mu vy’intwaro muri Afrika kikaba gifise amanota 4 ku manota 6 aho kikaza kw’isonga ry’ibihugu 7 arivyo Cote d’Ivoire, Ethiopie, Kenya, Mali, Sénégal na Tanzaniya vyo muri Afirika biharurwa ko bigerageza kunagura no guteza imbere ivy’intwaro n’inzego z’igihugu.

Icegeranyo giheruka co mu mwaka wa 2016 cerekana ko akanovera muvya poritike n’inzego vyagiye bitosekara gushika ku bice 40 kw’ijana muri Afrika ugereranije n’umwaka wa 2015, aho ico cegeranyo kivuga ko naho ibihugu vy’Urwanda, Senegal na Kenya bifise ibiharuro vyiza gusumba ibindi bihugu, biboneka ko urugero rukiri hasi mw’iterambere ryibijanye n’intwaro hamwe n’inzego.

Musi y’urwo rutonde rw’ibanki y’isi haza ibihugu vya Tchad, Sudani y’epfo, Erythree, Centrafrika, Guinee Bissau n’igihugu ca Zimbabwe kiza ubwa nyuma aho catakaje n’ibice 0,2 cari gifise mu mwaka wa 2015.

Uburundi buza mu bihugu amanota yavyo yamanutse ku rugero runini co kimwe n’ibihugu nka Benin, Sierra Leone na Nigeria.

Mwomenya ko ico cegeranyo c’ibanki y’isi citirirwa umwihwezo ku bijanye n’intwaro hamwe n’inzego mu bihugu vyo muri Afirika (CPIA : Evaluation des politiques et des institutions nationales en Afrique) kikaba gisohoka buri mwaka kuva mu mwaka wa 2006.

Ico cegeranyo nyene nico cegerenyo gifatirwako mu kumenya igihugu gikwiye kuronswa intererano n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe iterambere (IDA : l’Association internationale pour le développement) risanzwe ari igisata c’ibanki y’isi kijejwe kugwanya ubukene kw’isi.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.