IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > HCR igiye kuzohuza ku ncuro ya mbere Uburundi n’Urwanda

HCR igiye kuzohuza ku ncuro ya mbere Uburundi n’Urwanda

mardi 10 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Inyuma y’urugendo yagize muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo hamwe no mu gihugu c’Urwanda kuri uwu wa mbere, Filipo Grandi arongoye HCR kw’isi yose ari mu Burundi kuva kuri uwu wa kabiri, aho yakiriwe n’uwurongoye Uburundi. Muri uwo mubonano, nk’uko vyashikirijwe na Alain Diomede NZEYIMANA, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu, umukuru w’igihugu c’Uburundi yagarutse ku kudakorana neza hagati y’Uburundi n’Urwanda ku kibazo c’impunzi.

"Hariho impunzi ziri mu Rwanda ziba zishaka gutaha, ariko abategetsi bo mu Rwanda ntibashake ko ico kintu kiba. Yamubwiye kandi n’ibibazo vy’ibiharuro bivuga ingene impunzi z’Abarundi ziri zanze zingana, ntibiha izina ryiza ishirahamwe rikomeye nka HCR."

JPEG - 114.4 ko
Alain Diomede NZEYIMANA, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu

Filipo Grandi yabwiye abamenyeshamakuru ko ico kibazo kiri muvyo yaganiriye n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

"Nabwiye umukuru w’igihugu NKURUNZIZA ko itahuka ry’impunzi z’Abarundi bari mu Rwanda rikirimwo akabazo, turabizi. Ejo narabonanye n’umukuru w’igihugu KAGAME, uno munsi naho umukuru w’igihugu NKURUNZIZA. Twumvikanye ko twokwigira hamwe ingene tworondera aho twoganirira kuri ico kibazo c’impunzi gusa. Si jewe njejwe ibindi bibazo. HCR izofasha mw’itunganwa ry’iyo nama yohuza Uburundi n’Urwanda."

JPEG - 117.4 ko
Filipo Grandi arongoye HCR kw’isi yose

Alain Diomede, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi yamenyesheje kandi ko muri uwo mubonano, uwutwara Uburundi yagarutse ku biharuro vy’impunzi HCR ishikiriza ariko ntibihurizweko na Reta y’Uburundi.

Kubwa Filipo Grandi, ntawohuta aremeza ko HCR itanga ibiharuro bitarivyo. Uwo atwara HCR kw’isi yose yabwiye abamenyeshamakuru ko muri iryo shirahamwe bamaze gutanguza umugambi w’ugusuzuma bakoresheje ubuhinga bwa none, ibiharuro vy’impunzi zose ziri hanze y’Uburundi, agasaba Reta y’Uburundi ko yotenyenya kuri ico kibazo, kuko ico gikorwa kizomara amezi atari make.

Uburundi bwemeye ko umunsi yose iyo nama izotumwako ko buzoserukirwa, mu kibanza kizoba cumvikanweko n’impande zompi.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • iyo myitozo uburundi buhora, buvuga iyo biba byo byari gusobanura ko abarundi ntanyigisho bafata, igihe bahereye baba vuga baba he!! none tuvuge ko u Rwanda rutazi kwigisha I byagisirikare kuburyo aho babivugiye batarangiza! !!! na mashuri yigisirikare dufite abacu bahora barangiza na bize inyakinama, bamahanga yose barangiza nkanswe abo kwigisha kurasa, gusa! abarundi mushake ikindi icyo sicyo, niba mubyemeza barihe!! babuze iki! !niba muvuga ko u Rwanda rubafasha,!!iyo biba byo byari kuvugwa byakozwe,

  • nibyo kabix byababyiza ko ngera aganir hat yibihug byomb murakoz nisositen gutuk burund ariko nkab ndimurwand

  • Ariko abarundi Baracari inyu abantu bajya mu nama bakandikira ku mavi. Barateye isoni nàpresident nawe ntafite aho yandikira nawe.

  • Hhaahh ngo HCR igiye guhuza u Burundi n’u Rwanda? erega CNDD ntaco yovugana n’u Rwanda, FPR ifise umurongo wa Politique uhamye tandis que DD ari akajagari gusa

  • Harya iziri muri tanzania na Uganda n’U Rwanda ruzibuza gutaha. Murambuha kweri

  • Ariko mbona abarundi bose bifuje gutaha barataha ntabwo u Rwanda rubabuza, aho ndakeka twibesha cane, hari ikindi batinya mu Burundi gituma badataha, aba zebiya ntibaheruka gusaba gutaha, ntibatashe?

  • yeeee urazi ko ntari nabibonye,bandikira ku mavi nk’abana bo mu yambere

  • HCR ntiramenya ko abategetsi ba DD bazoyizirika ku catsi. barabaza neza, ijambo bavuze uno munsi siryo bavuga ejo, kandi kuribo kubesha si ingorane, ni umwuga.

    yamara, IKINYOMA kimara.............ntikimara umwaka. bitebebitebuke kizobahinyukana. Nayo uwo vyakiye.........avuga ngo ibirago biranyerera!!!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.