IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Haracari abagumyabanga bakiboshwe n’ukugumuka" - Petero NKURUNZIZA

"Haracari abagumyabanga bakiboshwe n’ukugumuka" - Petero NKURUNZIZA

samedi 28 avril 2018

Mu gihe kuwa kane igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2016, umugambwe CNDD-FDD wari watunganije amasengesho yo guhimbaza Imana, no kwibuka imyaka itatu iheze ushize imbere umukuru w’igihugu kugira yitoze mu kibanza c’umukuru w’igihugu, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, yavuze ko hageze igihe co kwirimbura, no gushimira Imana kuvyo yakoze.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, yagarutse ku vyaranze umwaka wa 2015, aca avuga ko wari umwaka ukomeye kandi ko ibihe abanywanyi b’umugambwe CNDD FDD barimwo ata wundi yari kubibakuramwo atari Imana.

JPEG - 42.6 ko
Petero NKURUNZIZA, Umukuru w’igihugu c’Uburundi

Yisunze ivyabaye mu mwaka wa 2015, umukuru w’igihugu yavuze ko vyerekanye ko igihugu kidatwarwa n’abanyabwoba, kandi ko muri uwo mwaka wa 2015 batiwe bongera baca mu cigwa.

Petero NKURUNZIZA aramutswa igihugu c’Uburundi yavuze ariko, ko hakiri abanywanyi b’umugambwe CNDD FDD bakiboshwe n’ukugumuka, akagaye, ukurenganya, ishari n’ibindi, aca abasaba kubohoka.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Nakomere Kwibanga Inumva Nazo Zamaho Umuntu Ntibamukunda Bose Komera Komera Muze

  • UVUZE,UKURI,NITWIRIMBURE,IMANA,IKORANENATWE.

  • ukonukuri abagumyabanga nkabo bariho.

  • Simbimanga mutama ivyabay vyatuberey icigwa tuvyubakireko ntituvyibagire bidufash kubaka kazoza keza ahubwo duhumuke kuko vyadutumy kuraba kure

  • Andika hano IMANA igeranye abarundi kuntabwe ikomeye aho abarundi itsodushak aritso IMANA idukorere ijambory IMANA ati musabemuzohabwa muramutse muzugururigwa twarasavye iduha indongozi IMANA yadutoreye nubuturi kumavi dusaba IMANA abe ariyo iduha ubwege bwotuma turambira mugihugu tsisezerano c u burundi nkuko abisilayeri barimwisezerano nitsogituma barundi twese ibwirizwa rigenga masezeranoyatsu ahobukera Itariki017/5/2018 dutore ego twigumire mwisezerano IMANA izigame indongozi twitoreye

  • ukuri kuravurwa ariko ntikwumvirizwa.
    Uriko arakamisha ntiyibuka ko hari abandi bashaka gusomako na dukenya.
    Amashi arabesha abatware, hari abayakoma kugira birenganire

  • Ariko Imana yaragowe. None abo mwica ni Imana ibarugika ? ICC irafise chambres ziteguwe neza.

  • Nakomerekumuheto iyadukijije 2015 na 2018 irawudukiza abagumutsibazokwamaho uburundi imana irabukunda nababurongoye irabakunda

  • Ni vyiza KO abarundi twirimbura tugasenyera ku mugozi umwe

  • Iyintwaro Ihari Iragahora Kungoma Yoyadukuye Ahabi Ikadushira Ahabona.Tuzomutora Ijana Kwi Jana. Kwiyimanda Ya 2018 .MURAKO NOKUDUHA DUTANGE ICIYUMVIRO.

  • Andika hano Amahoro Nyakubahwa Sebarundi Petero Nkurunziza Songambere Uri Umugabo Wubwitonzi Imana Yarakwitondeye Mukukurema Ikomeze Kubazigama.

  • Iyi nzara n’ubukene uwo nkurunziza aduteye niyo mumushimira ngo agume kungoma !! Nimuhumuke mubone kure nkuko mwiyita.

  • Nivyiza Kuba Bariho Kandi Bafunzwe Nibabandanye Bafungwe Kuko Nibo Bazana Itera Bwoba Kubo Badasangiye Imigambwe

  • ebna ndumva ari sawa nimukomer kuk harya ukunzw nabantu ub ukunzw nimana.ark mwibuk ko uburundi tubusangiy twes muz murasabikanya mwes.nabahunz arko atari abarndegwa nubutungane mwogira ibishoboka vyos mumatora ya 2o2o bakaba batahuts kugra dufashany kubaka igihugu.kuk nabo bari hanz nibo na cane cane baguma bakaza akariro muri onu no mumakungu.nabo ndabasaba ko bobireka kuk hagra ingorane twbw batobato.murakoz

  • mbe ngororeye abahinda, ubu muburundi niho hahaye hapfa abantu kurusha kuntwaro zahise ? ko kera bantu bicwa narirya atanamaradio canke umuga ngurukanabumenyi vyariho ? abantu ntibatikira mwibanga atacamira uri abahambwe mubinogo rusangi, kugeza aho reta yakoresha indege mukwica abanyagihugu bazira uko gusa baremwe/Ntega na Marangara, Nsans echeque baturira abantu izuba riva kumugaragaro...,ahasigaye mukazana ngo politike mubesha abarundi, ahubwo nukuraba neza ko abobatavuga rumwe / bagwanya reta ububeshi bakoresha hirya nohino atarivyo bituma IMANA ibakomesha badashika kucobipfuza kuko Imana vyose irabibona.

  • Nivyo Kwl Twarabony Muri 2015 Ko Nyen Icubahiro Pierre Nkurunziza Atabwoba Agira Imana Imuj Imber Mumigambiyiw Yos Abarundi Insinzi Tumuri Inyuma

  • Andika hano wew sinzi byo wibereyem abarundi tur mas mayuguw

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.