IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibwirizwa rishasha rijanye n’isuku n’isukura ry’Uburundi ryatowe (...)

Ibwirizwa rishasha rijanye n’isuku n’isukura ry’Uburundi ryatowe n’abashingamateka

samedi 17 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Ivyo nivyo umushikiranganji w’amagara y’abantu n’ugukinga ikiza ruhonyanganda SIDA, Muganga Josiane NIJIMBERE yabanje kumenyesha mu Nama Nshingamateka nk’imvo nyamukuru z’integuro y’ibwirizwa rijanye n’isuku n’isukura ry’Uburundi, imbere y’uko abashingamateka baryemeza kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 16 Ntwarante 2018.

Umushikiranganji Josiane NIJIMBERE yamenyesheje ko iyo nteguro iri mw’ihangiro ya Reta hamwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu hamwe no gukinga ikiza ruhonyanganda SIDA mu kumenyesha mu banyagihugu amategeko ajanye n’isuku ry’aho baba, aho baca, ivyo bafungura, ryo mu mahinguriro n’ibindi.

JPEG - 73 ko
Muganga Josiane NIJIMBERE, Umushikiranganji w’amagara y’abantu

Umushikiranganji Josiane NIJIMBERE yamenyesheje kandi ko, iyo nteguro ifise ihangiro ryo gukinga Ibiza ku bana hamwe n’abakuze aho yongeyeko ashikiriza ko iryo bwirizwa rijanye n’amategeko y’isuku y’ishirashamwe mpuzamakungu OMS ryo mu mwaka wa 2005 rijanye no gukinga irwirirana ry’ingwara n’ivyaduka kw’isi hamwe no kuvyikingira munzira zose zishoboka.

Mu ntumbero yo gukemura ibibazo vy’indwara n’ivyaduka, umumujshikiranganji amenyesha ko ingingo ruhasha zateguwe mu bijanye n’isuku n’isukura ry’igihugu kuko ico kibazo kitagenga ubushikiranganji arongoye gusa ahubwo ko hari n’ubundi bushikiranganji bakorana mu ntumbero yo gukemura ico kibazo.

Umushikiranganji Josiane NIJIMBERE, amenyesha kandi ama “antennes” y’amashirahamwe yo gutumatumanako amakuru, inganda, imirima canke amahinguriro y’imiti bizigizwa kure y’uburaro bw’abanyagihugu, ko n’ibitungwa bigendana n’abantu nk’imbwa bizokwirikiranywa ku rundi rugero.


Oscar NDAYISHIMIYE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.