IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Icegeranyo ca Ligue Iteka kiragaruka ku bwicanyi bwabereye mu (...)

Icegeranyo ca Ligue Iteka kiragaruka ku bwicanyi bwabereye mu Kayanza

mardi 11 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Icegeranyo c’ishirahamwe Ligue Iteka kiragaruka ku bwicanyi bwabereye ku mutumba Shinya,komine Gatara,mu ntara ya Kayanza,mwijoro ryo kuw’Imana igenekerezo rya 9 Mukakaro 2017 aho umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko abantu 5 aribo bapfuye,43 barakomereka.

Muri ico cegeranyo gisohoka uko indwi iheze,ishirahamwe Ligue Iteka rimenyesha kandi ko abantu bane bahohotewe,muri abo, babiri bakaba ari abanywanyi b’umugambwe MSD bahohotewe bagirizwa kuba batitavye ibirori vyo guhimbaza imyaka 55 iheze Uburundi bwikukiye.

Ico cegeranyo c’ishirahamwe Ligue Iteka kiragaruka kandi ku biziga vyatowe mu makomine ya Matana na Kayogoro yo mu ntara za Bururi na Makamba,aho gushika ubu hataramenyekana abishe abo bantu batowe ibiziga.

Ligue Iteka rimenyesha ko muri ico kiringo abanywanyi 56 b’imigambwe itavugarumwe na Reta bahagaritswe hadakurikijwe amategeko mu bice bitandukanye vy’igihugu.

Ishirahamwe Ligue Iteka rigatunga urutoki urwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD hamwe n’abamwe mu basirikare,abapolisi na bamwe mu bakorerera igendereza,Ligue Iteka rikavuga ko ikibabaje ari uko badahanwa.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.