IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Icegeranyo ca ONU ku Burundi gishikirizwa i Genève kuri uwu wa (...)

Icegeranyo ca ONU ku Burundi gishikirizwa i Genève kuri uwu wa kabiri

mardi 19 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu gisagara ca Genève, impande zose ziriko zirondera abazishigikira, mu gihe ico cegeranyo cokwemezwa, Sentare mpuzamkungu mpanavyaha igashobora kuzoca itanguza amatohoza nyezina ku bugizi bwa nabi bwakozwe mu Burundi mu 2015, hamwe n’imitahe ishobora kuzoca isohorwa imitahe mpuzamakungu ihagarika abagirizwa amabi yakozwe kuva mu kwezi kwa Ndamukiza umwaka w’2015.

Abahinga ba ONU bakoze ico cegeranyo ku gateka ka zina muntu mu Burundi barashikiriza icegeranyo bakoze, kivuga ko ubwicanyi hamwe n’amabi atandukanye vyakozwe mu Burundi mu 2015.

Uburundi bwiteze ko ico cegeranyo kitokwemezwa, mu gihe abatavuga rumwe n’ubutegetsi basaba ko CPI yotanguza amatohoza mu Burundi.

Muri iyo nama, Reta y’Uburundi yaserukiwe Martin NIVYABANDI umushikiranganji w’agateka ka zina muntu, Jacques BIGIRIMANA umukuru w’umugambwe FNL, hamwe na Jean Baptiste BARIBONEKEZA, umukuru wa CNIDH.

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yaserukiwe na APRODH, FORSC, FOCODE, ACAT, hamwe na OLUCOME.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.