IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Icuka si ciza ku rubibe Uburundi buhana n’Urwanda ku Ruhwa

Icuka si ciza ku rubibe Uburundi buhana n’Urwanda ku Ruhwa

mercredi 21 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri, igisirikare c’Urwanda kimenyesha ko abantu bataramenyekana bateye gerenade zibiri, banarasa ku banyagihugu bo mu Rwanda bariko banywa inzoga mu bunywero bwo ku Murenge wa Bugarama, Akarere ka Rusizi, nk’igihe c’isaha zibiri n’iminota mirongo itatu z’ijoro. Umuntu umwe yaciye yitaba Imana, abandi umunani barakomereka. Uwo yagandaguwe ni umutamakazi azwi kw’izina rya Kangenzi Vestine w’imyaka 52. Amakuru atangwa n’igihugu c’Urwanda avuga ko abateye iyo gerenade ari abantu babiri bari bambaye impuzu zisanzwe baciye berekeza mu Burundi.

JPEG - 289.1 ko
Lt Col René Ngendahimana, umuvugizi w’igisirikare c’Urwanda

Lt Col René Ngendahimana, umuvugizi w’igisirikare c’Urwanda amenyesha ko hariko harakorwa ibishoboka vyose kugira ivyaraye bibaye ntizosubire. Uwo avugira igisirikare c’Urwanda agira ati : "Ntabwo turamenya ababikoze aho baturutse n’aho basubiye barangije gusa ikigaragara ni uko ari ahantu higeze kubera insanganya nk’izo mu gihe cyashize aho abantu baturutse i Burundi bica abaturage bari muri ako gace."

JPEG - 164.6 ko
Inzu abatewe bariko banyweramwo inzoga

"Umurundi yanyurujwe"

Inyuma y’ico gitero cakozwe ku butaka bw’Urwanda, igiporisi c’Uburundi camenyesheje mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu ko hari umunyagihugu w’Uburundi yafashwe n’abasirikare b’Urwanda. Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi akavuga ko ifatwa ry’uwo murundi ryoba rifitaniye isano n’ugushaka kumwegekako ivy’ico gitero cakozwe ku butaka bw’Urwanda.

NDAYIKENGURUKIYE Jackson asanzwe akora akazi ko kuroba yafashwe nk’igihe c’isaha imwe n’igice mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, ku ruzi Ruhwa rugabura Urwanda n’Uburundi. Uwari kumwe n’uwo yafashwe yashoboye guhungira ku ruhande rw’Uburundi ntiyafatwa.
Iimbere y’uko NDAYIKENGURUKIYE Jackson afatwa, igiporisi c’Uburundi kivuga ko abasirikare b’Urwanda barashe amasase atanu hejuru.

JPEG - 85.9 ko
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Impande zompi zitanako amakosa

Reta y’Uburundi iherutse kumenyesha ko ifise ibimenyetso bikwiye vyerekana ko igihugu c’Urwanda gifise uruhara mu bikorwa vyo gushigikira abashatse gutembagaza ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, guhungabanya umutekano mu gihugu c’Uburundi, kwigisha igisirikare abatera Uburundi, hamwe n’ukurungika Abanyarwanda bafatirwa mu Burundi baje guhungabanya umutekano.

Urwanda narwo rwagiriza Uburundi ko bwahaye indaro abarwanyi ba FDLR barwanya Reta y’igihugu c’Urwanda. Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru "Die Tageszeitung" co mu Budagi, Louise Mushikiwabo, umuvugizi wa Reta y’Urwanda yamenyesheje ko igihe ibibazo vya poritike mu Burundi vyatangura, abarwanyi ba FDLR bajabutse umupaka bava muri Kivu y’Amaja Epfo, muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, bakerekeza mu Burundi.

Umuvugizi wa Reta y’Urwanda, Louise Mushikiwabo yamenyesheje ko mu gihe cose Uburundi buzoba bwavuye mu bibazo vya poritike burimwo, Urwanda rwiteguye kuganira nabwo kuri ico kibazo.

JPEG - 99.3 ko
Louise Mushikiwabo, umuvugizi wa Reta y’Urwanda

Kuri ivyo vyagiriji, Reta y’Uburundi ivuga ko ataba FDLR bigeze baba ku butaka bw’Uburundi kandi ko batazigera bahaba. Reta y’Uburundi ivuga ko n’icegeranyo c’abahinga b’inama mpuzamakungu y’ibihugu vy’akarere k’ibiyaga bigari, CIRGL cashizwe ahabona, cerekanye ko abo barwanyi atabari mu Burundi.

Imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda ikaba isa nk’iyatanguye gutosekara kuva aho Petero NKURUNZIZA afatiye ingingo yo gusubira kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu kuwa 26 Ndamukiza 2015.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • burundi could only be in peace if rwanda was not alive
    why?
    hutu-tutsi of rwanda are as extremist as far as they go.
    What ever we do to unifie as they distroy.
    now kagame as a tutsi he is just extremist and unsecure to see a peaceful hutu power .That all what is about. Even if kagame was hutu rwandese and nkuruniziza a tutsi burundia, rwanda could stay hostel .THE BIGGERST PROBLEM IS THAT RWANDESE HAVE A SPIRIT OF LIE AND MANAGE TO CONVINCE THE WORLD AND BURUNDIAN A SPIRIT OF CALM AND IGNORE THE DANGER

  • Hahahaha, mbega ako kazu nirya terembere ry’Urwanda birirwa barahaya? Murahenda abakecuru banyu!

  • AMANYANGA YABANYARWANDA TURAYAMENYEREYE NIMBA BASHAKA KOTURASANA TUZORASANA TWE NTURI CONGO BAGENDERAKO BAKOMEJE NUBURUSIYA BUZOZA

  • mwarasaze gusa ndabwira abo banditse izo comments

  • ewe Nihantari Akubwo Nibarabeneza Nugwezo Ngogutera Ugwada

  • KW’ISI YOSE TWISHAKIRA AMAHORO KIRETSE ABAKAMISHA INSECURITE NABO BAKOMOKA KURI GAHINI KANDI BAZOKWAMAHO

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.