IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igihugu c’Ubuswise kigiye kubandanya gukarihiriza ubwenge abakenguzamateka (...)

Igihugu c’Ubuswise kigiye kubandanya gukarihiriza ubwenge abakenguzamateka n’abashingamateka

lundi 11 Nyakanga 2017

Inyuma y’umubonano n’umukuru w’Inama Nkenguzamateka y’Uburundi,Joachim Vercan yavuze ko igihugu c’Ubuswise kibandanya kwegera abanyagihugu b’Uburundi biciye mu guhanahana ubumenyi hagati y’abashingamateka n’abakenguzamateka.

Joachim Vercan yavuze ko igihugu c’Ubuswise gifasha ku rugero rwo hejuru mu bisata vy’amatongo, igisata c’amagara y’abantu, igisata co gukarihiriza ubwenge abakozi mu bisata bitandukanye n’ibindi.

Umuhanuzi ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’inama nkenguzamateka Gabby Bugaga yavuze ko igihugu c’ubuswise gisanzwe gifitaniye imigenderanire myiza mu bijanye n’ugufashanya n’Uburundi, ari naco gituma ibiro bijejwe gufasha kw’Ubuswise n’ibindi bihugu bizofasha mu bijanye n’iyigwa ry’amategeko mu nama nshingamateka na nkenguzamateka ,kuko abakenguzamateka n’abashingamateka aribo bafise igikorwa co kwiga bakamenya ingene amategeko yubakwa.

Gabby BUGAGA yamenyesheje ko muri iyo ntumbero ibiro vyo gufashanya hagati y’Ubuswise n’ibindi bihugu bizotanga ubumenyi ku mirwi yamaho mu nama nshingamateka na nkenguzamateka kuko ariyo yiga ingene amategeko yubatswe.

Umuhanuzi ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’Inama nkenguzamateka yavuze kandi ko ibiro vyo gufashanya hagati y’Ubuswise n’ibindi bihugu bizofasha mu gikorwa co gutunganya ubumenyi mu bijanye no kwiga imigambi ya Reta n’ishirwa mu ngiro ryayo.

Joachim Vercan ajejwe imigambi mu biro vyo gufashanya hagati y’Ubuswise n’ayandi makungu, mu karere k’ibiyaga binini ari mu rugendo mu Burundi kuva kw’igenekerezo rya 6 gushika kurya 12 Nyakanga 2017, akaba yarabonanye n’umukuru w’Inama Nshingamateka Pascal NYABENDA.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Nibaze barapfa kubafasha nayubundi ntavyanyu, icomuzi muzi kwica, Nkandikuriyo Reverien ivyo yokora vyonezera abarundi nivyahe?
    narindire azobazwe amabi yakoreye abenuburundi, kuva kirimwishamba, nabugingo nubu akibandanya kwihinkumbi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.