IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi c’Uburundi cahagaritse abarashe umushingamateka "ABEGA" wa (...)

Igiporisi c’Uburundi cahagaritse abarashe umushingamateka "ABEGA" wa EALA

mercredi 6 décembre 2017

Abo bafashwe ni ASHUKURIWE Michel,NONDO Robert,Gurin BANYANGA,BURUNGABO Moise na MOUSSA Sebastien, bakaba bafatiwe mu modoka y’ubwoko bwa Jeep Prado ifise imparati zo mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo.

JPEG - 212.1 ko
Batanu bava mu gihugu ca Kongo bafatiwe mw’ihoteri La Casa

Umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE amenyesha ko abo bagabo batanu bafatiwe mw’ihoteri La Casa igihe bariko bagerageza guhunga igiporisi cari cabiketse, kuko cari cabahagaritse banka guhagarara.

Pierre NKURIKIYE avuga ko babonye basagirijwe n’igiporisi, umwe muri bo yaciye arasa akoresheje inkoho yo mu bwoko bwa pistolet, ari naho umushingamateka Pierre Claver RURAKAMVYE yakomerekeye, mu gihe igiporisi cariko cifashisha imodoka yiwe, mu gukurikira abo bagabo.

JPEG - 162.1 ko
Pierre NKURIKIYE,Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi avuga ko cahavuye gisaka mu cumba bashikiyemwo mw’ihoteri La Casa baca bahatora, ibimangu(cachets) vya magendu, harimwo ivy’amabanki n’amashirahamwe.

JPEG - 157.8 ko
Ivyafatiwe mu cumba c’ihoteri La Casa, aho bafatiye abo bagabo batanu

Umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE asaba abanyagihugu bose kuvuga no kwerekana ahari inkozi z’ikibi igihe cose bamwiketse, kuko inkozi z’ikibi ari umwansi w’igihugu n’abantu bose.

Pierre NKURIKIYE yemeza kandi ko ubuzima bw’umushingamateka Pierre Claver RURAKAMVYE butabangamiwe.

JPEG - 32.8 ko
Umushingamateka Pierre Claver RURAKAMVYE yarashwe mw’ijoro

MUGISHA Van Naris

Messages

  • Nkulikiye henda abandi,abo banye congo basanzwe bakorana na API n’Imbonerakure,none ko abandi bose mwavugaga ngo mwafashe mutaberekanaga ko bwacaga batorwa ibiziga

  • Ntaco no kwishura uyo MWARO , kandi izina niryo muntu . emye aba nyamwaro ?
    Irimbure kwivyo udebaguye canke udedemvye ! Bakuronderenwi sigure kuko muri kumwe nabo ba bisha .

  • jewe ivyo Mwaro ashikirije ndabishigikiye,none wovuga gute uko abandi baterekanwa nkuku abo banye congo berekanwa bakaza gutorwa ibiziga ?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.