IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi cemeza amatohoza yatanguye kw’ihagarikwa rya Léopold HABARUGIRA wa (...)

Igiporisi cemeza amatohoza yatanguye kw’ihagarikwa rya Léopold HABARUGIRA wa UPD

jeudi 14 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Ayo matohoza y’igiporisi atanguye mu gihe umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, Petero NKURIKIYE, yari yamenyesheje kuri uwu wa gatatu ko igiporisi c’Uburundi atarico cafashe Léopold HABARUGIRA. Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yari yamenyesheje ko ata makuru namwe afise y’iryo fatwa.

Petero NKURIKIYE yari yavuze ati : "Igiporisi ntikiramenya ko hari umuntu yitwa Léopold HABARUGIRA yoba yarafashwe ejo, kuko nta rwego rw’igiporisi mu bajejwe gufata abantu baba bagirizwa ivyaha rwamufatiye aho hantu, kandi ntawuraza kubwira igiporisi ko hari umuntu yafatiwe aho hantu."

JPEG - 85.9 ko
Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Mu giporisi bemeje kuri uwu wa kane ko bahawe ibirego (Plainte) kw’ihagarikwa rya Léopold HABARUGIRA, kandi ko amatohoza yatanguye.

Léopold Habarugira w’imyaka 54 asanzwe ari somambike wa Hussein Radjabu yigeze kuba ari umukuru w’umugambwe CNDD FDD yafatiwe muri karitiye ya Mutanga, muri zone Gihosha, mu gisagara ca Bujumbura, kuri uwu wa kabiri.

Nk’uko bivugwa na Libérate Nzitonda, umupfasoni wiwe, yafashwe n’abantu batatu barimwo umwe yambaye impuzu z’igiporisi kandi yari afise inkoho, aca yurizwa ku nguvu mu modoka abo bagabo batatu barimwo. Aho hari mu gihe uwo munywanyi w’umugambwe UPD ZIGAMIBANGA hamwe n’umupfasoni wiwe bariko binonora imitsi (Sport).

Umuryango wiwe umenyesha ko ata makuru y’aboba bamufashe bafise, hamwe n’aho yoba apfungiwe, ugasaba ko ikibanza arimwo comenyekana.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.