IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi cerekanye batatu bafashwe bakoresha impapuro za magendu (...)

Igiporisi cerekanye batatu bafashwe bakoresha impapuro za magendu z’ishuri

vendredi 17 novembre 2017

Abo bafashwe ni Omonde NDJATE yari asanzwe ari umuyobozi w’ishuri rimwe ryigenga rikorera mu gisagara ca Bujumbura, NININAHAZWE Nelly umunyeshuri yafashwe ariko yiga akoresheje impapuro z’amagendu, hamwe na Chadrack NIBITANGA yafashije uwo munyeshuri kuronka uwumukorera impapuro za magendu.

Yerekana abo bafashwe kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 17 Munyonyo 2017, Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi yavuze ko bafashwe kuwa gatatu igenekerezo rya 15 Munyonyo 2017, kubera ugukorana neza n’abakorera mu gisata c’indero.

Ku ruhande rwiwe, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero Juma Edouard yavuze ko bibabaje kubona ibintu nk’ivyo vyakozwe harimwo n’uwitwa ko ari umurezi arongoye ishuri.

Juma Edouard asaba abanyeshuri bose bariko biga bakoresheje impapuro za magendu n’abayobozi babikoresha kubihagarika, kuko ibihano bikomeye bizofatwa kandi n’amatohoza akibandanya kugira n’abandi bafatwe.

Abo bafashwe bagiye guca bakorerwa dosiye n’igiporisi, hanyuma bashikirizwe ubutungane.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.