IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Igisata EACLATHO c’Ishirahamwe EDENOS catanze impapuro z’umutsindo ku (...)

Igisata EACLATHO c’Ishirahamwe EDENOS catanze impapuro z’umutsindo ku bahejeje ivyigwa vy’icongereza

samedi 26 Myandagaro 2017

Mw’ijambo ryiwe, umukuru w’igisata c’ishirahamwe EDENOS cigisha indimi zitandukanye EACLATHO yamenyesheje ko inyigisho z’ururimi rw’icongereza bari bamaze iminsi baha abanyeshuri bari mu buruhuko ari ngirakamaro, kuko zabafashije gushobora kuvuga ururimi rw’icongereza imbere y’abantu atabwoba.

Celestin NIYONGABO arongoye igisata EACLATHO c’ishirahamwe EDENOS arasigura akamaro ko kurungika umwana kwiga indimi na cane cane kwiga kuzivuga.

Avuga ati : «Igihe cose umwana yiga indimi usanga afise ubwoba bwo kuzivuga, ari naco gituma twatunganije ivyigwa kugira dufashe abana baba basanzwe biga mu mashuri atandukanye gushobora kuvuga indimi ata bwoba.»

Uwo arongoye igisata cigisha indimi EACLATHO c’ishirahamwe EDENOS ashimira abavyeyi bamaze kwumva umugambi wo kurungika abana kwiga ururimi rw’icongereza, agasaba abavyeyi batarumva umugambi kurungika abana babo mu nyigisho zizotunganywa mu mwaka uza, abana nabo akabasaba kwijukira ibikorwa vyo kwiga indimi.

JPEG - 68.2 ko
Celestin NIYONGABO,umuyobozi w’igisata EACLATHO

Ku ruhande rw’ubushikirangaji bw’urwaruka, inkino n’imico kama, Celestin NIYONGABO arongoye igisata EACLATHO, asaba ko ubwo bushikiranganji bwobandanya bubashigikira mu mugambi bihaye wo guteza imbere indimi mu rwaruka.

Mw’ijambo ryiwe, Serges IRAMBONA aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe EDENOS igisata EACLATHO gikukira yamenyesheje ko igisata EACLATHO bagitanguje mu ntumbero yo gushigikira umugambi w’igihugu wo guteza imbere indimi.

JPEG - 82.5 ko
Serges IRAMBONA,aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe EDENOS

Serges IRAMBONA yavuze ko umugambi wo kwigisha indimi utazogarukira mu bana gusa, ariko bafise umugambi ukomeye wo gushika ku ngero zose, no gushirako kwigisha ururimi rw’iringala kuko narwo bimaze kuboneka ko hari aho rukoreshwa mu gice c’Uburengero bw’Uburundi .

Ati :« Hariko haratunganywa inyigisho zizohabwa abakuze,kugira dufashe, abadandaza baja kurangura ibidandazwa hanze, hamwe n’abandi bakuze mu guhiganwa kw’isoko y’akazi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.»

Serges IRAMBONA aserukira ishirahamwe EDENOS imbere y’amategeko agasaba uwariwe wese afise ico yoterera kubikora,kugira igikorwa c’igisata EACLATHO cigisha indimi zitandukanye gitere imbere.

Darlene GIRITEKA yaserukiye abanyeshuri arashimira igisata EACLATHO c’ishirahamwe EDENOS ku nyigisho cabahaye, kandi kandi kikaba cabafashije kumara umwanya w’uburuhuko mu nyigisho ngirakamaro.

JPEG - 93.3 ko
Darlene GIRITEKA, yaserukiye abanyeshuri

Yavuze ati :« Icongereza ni ururimi rugezweho ruzodufasha gushika kure haba mu bijanye n’akazi kuko tuzoshobora gutembera mu bihugu bivuga icongereza,tukanashobora guhiganwa mu kazi n’abava mu bihugu bivuga icongereza.»

Darlene GIRITEKA yaserukiye abandi banyeshuri ntiyibagiye no gushimira abavyeyi batahuye ko ururimi rw’icongereza ari ngirakamaro babarungika mu nyigisho, aca asaba abavyeyi batararungika abana kubarungika.

Ku ruhande rwiwe,uwaserukiye abavyeyi Frederic NDAYITWAYEKO nawe yashimiye ishirahamwe EDENOS ku nyigisho ritanga ribicishije mu gisata caryo EACLATHO,kuko mu minsi mike batanze ivyigwa biboneka ko zagize akamaro ku buzima bw’abana.

JPEG - 86.2 ko
Frederic NDAYITWAYEKO, yaserukiye abavyeyi

Frederic NDAYITWAYEKO nawe ntiyibagiye gusaba ko igisata EACLATHO c’ishirahamwe EDENOS coshika mu zindi ntara z’igihugu ,aca asaba abavyeyi kandi kugira umwete wo gukurikirana urwaruka.

Igisata EACLATHO cigisha indimi zitandukanye catanze impapuro ku bana bashika 600 bigiye mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura, bikaba bitegekanijwe ko mu minsi ya vuba kizotanga impapuro z’umutsinzo ku bandi bashika 350,bakurikiranye ivyigwa mu ntara ya Gitega.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.