IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Igisirikare c’Uburundi cungutse izindi ncabwenge

Igisirikare c’Uburundi cungutse izindi ncabwenge

samedi 16 décembre 2017

Colonel Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, akaba n’umwe mu baronkejwe urupapuro rw’umutsindo, yashikirije koari iteka kuri we no ku gihugu, na cane cane mu gisirikare.

"Ndi n’akanyamuneza kenshi kubona twaronkejwe izimpamyabushobozi. Twarungitswe n’igisirikare kugira tube imboneza ku bandi.Inyigisho twaronkejwe tuzozisangiza n’abandi, baba abarundi canke ababanyi bo mu karere, narirya twize mu rurimi rw’icongereza, ari narwo rurimi duhurirako mu bihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko. Tuzofasha muri za kaminuza, gutyo igihugu kironswe ubumenyi buhagije. »

JPEG - 2.3 Mo
Colonel Gaspard BARATUZA ari mu baronkejwe impapuro z’umutsindo

David NIYONZIMA, icegera c’umuyobozi wa kaminuza Leadership University avuga ko ubumenyi baronsa abanyeshure atari ubwo kugira baronke impapuro z’umutsindo gusa, ahubwo ko babigisha cane canekwiyungunganya, hamwe no kuba imboneza aho bari hose.

Kubwa SévérinTwagirayezu, umuhanuzi mu bushikiranganji bw’indero yari mu birori vy’ugutanga izo mpapuro z’umutsindo, Uburundi bugiye kuzohora bwakira abanyeshure bavuye mu bindi bihugu baje kurondera ubumenyi mu Burundi. Avuga ko ari iterambere rinini kubona Uburundi buriko buraramura abanyeshure biga amashure yo ku rwego rwo hejuru.

Abanyeshure baronkejwe impapuro z’umutsindo bakaba bagera kuri 62, muri bo 42 bize mu nyigisho nshasha (Baccalauréat), 20 baronse impapuro z’umutsindo zisumbuye (Master). Abo basohotse bagira umugwi wa 4 uramuwe kuva Kaminuzaya "Leadeship" itanguye gukora mu mwaka wa 2012.


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.