IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ihuriro "Justice For Burundi" rigiye gushikiriza ibirego vy’aba FNL muri (...)

Ihuriro "Justice For Burundi" rigiye gushikiriza ibirego vy’aba FNL muri sentare Mpuzamakungu CPI

vendredi 15 Nyakanga 2017

Mw’itangazo iryo huriro ryashize ahabona kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 15 Nyakanga 2017, iryo huriro rimenyesha ko naho abitwaje ibirwanisho binjiye ahakorera igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi ataco batwaye cotuma ibirego bizimangana.

Iryo huriro ry’abashingwamanza riremesha abarundi ribabwira ko ibirego, canke ivyo vyose vyofasha kugira bakurikirane imanza zabo bibitswe n’abashingwamanza bahurikiye mw’ihuriro bikingiwe neza.

Muri iryo tangazo ihuriro ry’abashingwamanza bahurikiye mw’ihuriro "Justice For Burundi" bamenyesha ko gutera inyubakwa z’ahakorera igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu vyerekana intege nke z’abakora ivyaha, iro huriro rikamenyesha ko ritazokwigera rihengeshanya kurondera ubutungane.

Mu kurangiza ihuriro ry’abashingwamanza bahurikiye mw’ihuriro "Justice For Burundi" bamenyesha ko iryo huriro rizokwitaba inama igira 36 y’umurwi wa ONU ujejwe agateka ka zina muntu itegekanijwe ku magenekerezo ya 18 na 19 Nyakanga 2017.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Mukomerekwibangaturinyumayanyu, kandi turizera yuko bitebe bitebuke abahohoteye ubuzima bwakiremwa muntu, kobazoteba bakavyishura.
    Burya imisi yi nkoziyikibi iraharuye, nahibikoresho vya Nkurunziza vyirirwa biratera ubwoba abanyagihugu ngo Nkurunziza Petero hamwe nabobafatanije guhekura, abenuburundi ngo hamwe bofurwa nasentare mpuzamakungu, ngontamahoro yosubira kubaho mu Burundi!? mbega ubu atarafurwa mbega ayomahoro ariho kwabantu birirwa baragandagurwa ijoro numutaga!?.
    Ntibabivuge nkaho umengo nindoto, nitegeko bazofurwe, hamwe batufurwa niyo sentare izogombe izimangane ntacizobimaze kwisi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.