IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ikiza > Ikigo ABUTIP cabaye kirahagarika ibikorwa ku nzuzi Gasenyi na (...)

Ikigo ABUTIP cabaye kirahagarika ibikorwa ku nzuzi Gasenyi na Nyabagere

samedi 17 mars 2018

Mw’itangazo ikigo ABUTIP casohoye kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 16 Ntwarante 2018 inyuma y’isanganya, kimenyesha ko kizokora ibishoboka vyose kugira gishigikire imiryango yabuze, haba mu bijanye no kubaremesha hamwe no mu buryo bwo gushingura abayo.

Muri iryo tngazo,ikigo gikurikirana ibikorwa vya Reta ABUTIP, kimenyesha ko nk’ayandi mashirahamwe yose akorera mu gisata c’ibikorwa vya Reta kigenzura, ishirahamwe ririko rikora ibikorwa ku ruzi Gasenyi , categekanirije kazoza abakozi barikoreramwo.

Ikigo ABUTIP kimenyesha ko, mu ntumbero yo kugira ivyigwa vyo ku rwego rwo hejuru,kugira bamenye uko iryo sanganya ryabaye,bongere barabe ko bitoshika ahandi mu bindi bibanza, ibikorwa vyo gushigikira inkombe z’inzuzi Gasenyi na Nyabagere bibaye birahagarikwa.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.