IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikigo API cashikirije ivyaranguwe mu mezi atatu n’ingorane zahabaye

Ikigo API cashikirije ivyaranguwe mu mezi atatu n’ingorane zahabaye

vendredi 20 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu gihe ico kigo cashira ahabona kuri uwu wa gatanu ivyaranguwe muri aya mezi atatu aheze, umuyobozi mukuru w’ikigo API Didace NGENDAKUMANA yamenyesheje ko amashirahamwe 499 aharugwa ku bice 93 kw’ijana ari amashirahamwe ndundi, mu gihe ibice birenga 4 kw’ijana ari amashirahamwe akomoka hanze y’igihugu, ibice 2 kw’ijana navyo akaba ari amashirahamwe acanze yashinzwe n’abarundi bari kumwe n’abanyamahanga.

JPEG - 62.1 ko
Umuyobozi mukuru w’ikigo API Didace NGENDAKUMANA

Bimwe mu vyaranguwe n’ikigo API mu mezi atatu aheze, muri ico kigo bavuga amategeko yahinyanyuwe agenga abanyamitahe, ishirwaho ry’agatabu-ndongozi ku banyamitahe bipfuza kuyizana mu Burundi, ugukarihiriza ubwenge abakozi b’ikigo API, uguteza imbere urudandazwa njabukamazi hamwe n’uruhara mu gutunganya amahayanishwa-gurishwa abiri y’ibihugu vya Kenya na Tanzaniya.

Iruhande y’ingorane zijanye n’uburyo buke ku bijanye n’ibikoresho n’amafaranga vyatumye imirimo imwimwe y’ico kigo itaranguka, ibidandazwa biva mu Burundi vyarahuye n’ingorane yo kudahurumbirwa cane kuko ivyo bidandazwa bidafise impapuro zemeza ko vyahinguwe hisunzwe ibisabwa n’amategeko. Muri ico kigo bavuga ko inama zizotegurwa kuri ico kibazo, kugira abo vyega bose baterere ku vyokorwa.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.