IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ikiziga c’umwigeme yahora aba mu Kibenga catowe i Bururi

Ikiziga c’umwigeme yahora aba mu Kibenga catowe i Bururi

mardi 12 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Josiane NIKUNDANA yahora aba kwa musaza we muri zone Kibenga igisagara ca Bujumbura yaburiwe irengero kuva ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 8 Kigarama 2017. Kuva bimenyekanye ko atawuzi irengero ryiwe, ubutumwa bw’ukumurangisha bwaracishijwe ku mihora ngurukanabumenyi.

Mu gatondo ko kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 12 Kigarama 2017 niho abana bariko barasenya inkwi mw’ishamba ryo mu Rw’ingwe babona ikiziga ciwe. Ico kiziga catowe hafi y’aho uwo yagandaguwe avuka, muri zone Vyuya, komine Mugamba, intara ya Bururi, ahasanzwe haba n’abavyeyi biwe.

Abagandaguye uwo mwigeme ntibaramenyekana.

NIKUNDANA Josiane yahora yiga kuri "Ecole Secondaire Lumière de kinindo."


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.