IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imiriyaridi zirenga zibiri z’amarundi niyo ntererano y’amatora imaze (...)

Imiriyaridi zirenga zibiri z’amarundi niyo ntererano y’amatora imaze kwegeranwa

vendredi 23 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Désiré MUSHARITSE, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta amenyesha ko ico gikorwa kiriko gikorerwa mu muco.

"Duheruka gushiraho umurwi w’igihugu urimwo ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’abo mw’ibanki nkuru ya Repuburika kugira bakurikirane neza ukungene ayo mafaranga atozwa, n’ukungene ashika mu kigega."

JPEG - 54.3 ko
Désiré MUSHARITSE, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta

Désiré MUSHARITSE avuga ko amafaranga y’amatora amaze gutozwa gushika ubu agera hafi ku miriyaridi zibiri n’imiriyoni amajana abiri mu mafaranga y’amarundi, kandi ko abantu babandanya gushirako amahera.

Muri ayo mafaranga amaze gutozwa, umuvugizi w’ikigega ca Reta amenyesha ko ari ayava mu ntererano z’abakozi ba Reta, hamwe n’ay’ubushikiranganji butandukanye. Muri ubwo bushikiranganji bavuga ko amafaranga y’imiryango (Ingo) ataratozwa.

Mu murwi w’igihugu CENI ujejwe gutegura amatora bamenyesha ariko ko igitigiri c’amafaranga yose hamwe azokoreshwa mu matora kitaramenyekana, ariko ko mu minsi ya vuba ico gitigiri kizoshikirizwa.

Prosper NTAHORWAMIYE, umuvugizi wa CENI : "Mu minsi iza tuzobabwira ibiharuro vy’ifatiro vy’amatora yo mu 2020, uko amafaranga azoba angana. Mw’iyinga rimwe canke amayinga abiri ico gitigiri tuzoba twakimenye, tuzoca tukibashikiriza."

JPEG - 64.9 ko
Prosper NTAHORWAMIYE, umuvugizi wa CENI

Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.