Accueil > Amakuru > u Burundi > Imiriyaridi zirenga zibiri z’amarundi niyo ntererano y’amatora imaze (...)
Imiriyaridi zirenga zibiri z’amarundi niyo ntererano y’amatora imaze kwegeranwa
vendredi 23 Ntwarante 2018, par
Désiré MUSHARITSE, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta amenyesha ko ico gikorwa kiriko gikorerwa mu muco.
"Duheruka gushiraho umurwi w’igihugu urimwo ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’abo mw’ibanki nkuru ya Repuburika kugira bakurikirane neza ukungene ayo mafaranga atozwa, n’ukungene ashika mu kigega."
- Désiré MUSHARITSE, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta
Désiré MUSHARITSE avuga ko amafaranga y’amatora amaze gutozwa gushika ubu agera hafi ku miriyaridi zibiri n’imiriyoni amajana abiri mu mafaranga y’amarundi, kandi ko abantu babandanya gushirako amahera.
Muri ayo mafaranga amaze gutozwa, umuvugizi w’ikigega ca Reta amenyesha ko ari ayava mu ntererano z’abakozi ba Reta, hamwe n’ay’ubushikiranganji butandukanye. Muri ubwo bushikiranganji bavuga ko amafaranga y’imiryango (Ingo) ataratozwa.
Mu murwi w’igihugu CENI ujejwe gutegura amatora bamenyesha ariko ko igitigiri c’amafaranga yose hamwe azokoreshwa mu matora kitaramenyekana, ariko ko mu minsi ya vuba ico gitigiri kizoshikirizwa.
Prosper NTAHORWAMIYE, umuvugizi wa CENI : "Mu minsi iza tuzobabwira ibiharuro vy’ifatiro vy’amatora yo mu 2020, uko amafaranga azoba angana. Mw’iyinga rimwe canke amayinga abiri ico gitigiri tuzoba twakimenye, tuzoca tukibashikiriza."
- Prosper NTAHORWAMIYE, umuvugizi wa CENI
Egide NDUWIMANA