IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imiti n’imfungugwa zihinguwe vyinjira mu Burundi bigiye gusuzumwa (...)

Imiti n’imfungugwa zihinguwe vyinjira mu Burundi bigiye gusuzumwa cane

jeudi 7 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Iyo nama yari iyo kwigira hamwe uko igisata kijejwe kugenzura imiti n’ibifungugwa bihinguwe kigiye gukora.

Nk’uko Emmanuel BAMENYEKANYE atwara igisata ABREMA abimenyesha, imiti yinjira mu gihugu myinshi yinjira idakwije amategeko, ugasanga harimwo n’iyakuwe kw’isoko mpuzamakungu y’imiti.

Emmanuel BAMENYEKANYE avuga ko intumbero y’igisata atwara ari iyo kugenzura bikwiye ukwo imiti n’ibifungugwa bihinguwe bidandazwa mu gihugu.

«Twifuza ko abanyagihugu bakoresha imiti imeze neza, bafungure n’infungugwa zitabagirira ingaruka mbi.»

Arongera akavuga ati : « Uburundi bugiye kuja ku rugero rumwe n’ibindi bihugu vyo mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko mu bijanye n’ugukinga amagara y’abantu biciye mu gusuzuma imiti ikoreshwa mu gihugu »

Emmanuel BAMENYEKANYE yashikirije ko ikigega ca Reta kizohora cunguka amafaranga agera ku muriyaridi w’amarundi ku mwaka avuye mu bikogwa vy’igisata ABREMA.


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.