IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Impande zose zasabwe gukorera hamwe ku kibazo c’abigeme bajanwa kudandazwa (...)

Impande zose zasabwe gukorera hamwe ku kibazo c’abigeme bajanwa kudandazwa hanze y’igihugu

vendredi 14 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Ubururndi n’ayandi makungu amenyesha ko kugira ikibazo c’abana b’abakobwa babandanya kujanwa hanze gitorerwe inyishu, impande zose zegwa n’ico kibazo zikwiye gukorera hamwe, n’urwaruka rukigishwa ingene rwokwitanguriza imigambi y’iterambere.

Inama nkenguzamateka y’Uburundi yatumiye kuri uwu wa kane umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, kugira yishure ku bibazo vy’abakenguzamateka, kuvyo Reta y’Uburundi iriko irakora kugira itorere umuti ikibazo c’abana b’abigeme bajanwa mu bihugu vya Arabie Saoudite na l’Oman, hamwe n’ukurabira hamwe ingene Uburundi bwotora inyishu y’ibibazo abo bigeme bagira iyo bashitse muri ivyo bihugu.

JPEG - 77.7 ko
Umushikiranganji Alain Aime NYAMITWE yari umutumire mu nama nkenguzamateka

Umushikiranganji Alain Aimé NYAMITWE yishuye ko bikwiye impande zose zegwa n’ico kibazo zokorera hamwe, hakajaho umurwi ukurikirana abaja kurondera ubuzi hanze, kugira Reta imenye iyo bari, hamwe n’ivyo barimwo.

Abakenguzamateka basavye ko uguhana abakozi hagati y’Uburundi n’ibihugu bibakeneye vyobera mu muco. Abakenguzamateka basavye kandi abajana abana kubadandaza mu bihugu vyo hanze ko bohanwa bikomeye iyo bafashwe.


IGIHE

Messages

  • Mugikomereko Kabisa Icokibazo.

  • Emwe nimubareke baje kudandaza ibituba nibandura sida niho bazotahura,ko gusambana aricaha .

  • NONE ABOBIGEME BAJANWA HANZE BANWA GUT KUBURUNDI BUFISIGIPORISE GIKWIYE BINDAGUT NTIBUMENYE CANKE BUFISEMWO INYUNGU JEWE ABAZOKANJE KARAKO ?

  • None ko babuze amahera muri BRB, abakobwa badafashe kunguvu ngo bavyare interahamwe baca babashora mumahanga nk’ibidandazwa! DD ntamabi itazotwereka! Go damn it

  • Jewe akabozo kanje nibazako kugira urucuruza gwabana babakobwa ruhagarare.Reta yoshinga udushirahamwe muntara zose zigihugu kugira ugwaruka ruduhuriremwo.ivyiyumviro bibi bihagarare kandi bikenure muvyo bakeneye.Ikindi naco nkatwebwe abavyeyi twotanga indero mubana bacu kandi tukabaha ibikogwa vyotuma bataja muvyiyumviro bibi.iciyumviro canje carico murakoze.

  • Ubwabategetsi bongaha baratwenza muburundi baratwenza, none ivyobivugisha vyabajanwa kudandazwa hanze, kobisazwe bizwi yuko kwabategetsi bahano babifisemwo uruhara rwokudandaza abana!. Mwibuke ijambo Nkurunziza yigeze gushikiriza yuko agiye kuronderera urwaruka akazi mwivyo bihugu vyabarabo, ntamisi yaheze abana badatanguye kudandazwa, kandi bamwe pasiporo bazihabwa nabasazwe barikubutegetsi, kubwivyo ntamuntu bohenda.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.