IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Impunzi z’abarundi zirenga 8000 ziramaze kwirukanwa na Tanzaniya

Impunzi z’abarundi zirenga 8000 ziramaze kwirukanwa na Tanzaniya

samedi 24 Munyonyo 2012

Kuva mu ntango z’uku kwezi kwa Munyonyo, igihugu ca Tanzaniya caratanguye kwirukana ku nguvu impunzi z’abarundi zirenga 35000 ziri mw’ikambi y’impunzi iri i Mtabila. Abarenga 8000 baramaze gutahuka mu Burundi.

‘’Nta na kimwe jewe nazanye mu matungo yanje kuko igipolisi ca Tanzaniya cansanze ntari muhira’’,’’Jewe nasizeyo abana banje’’,’’Raba impuzu nambaye ziratabutse, nari mfise izindi nari kwambara ariko nta kanya naronse ko gutora impuzu, natinye inkoni zariko zikubitwa bagenzi banje’’,’’Jewe nanje naje ndi jenyene, nasizeyo abavyeyi n’abo tuvukana, sinzi iyobari ubu’’, Ivyo ni ibivugwa na bamwe mu mpunzi z’abarundi zashikiye mu ntara ya Makamba zivuye mu gihugu ca Tanzaniya.

Bavuga ko bariko bahunguka ku nguvu batabishaka. Ngo igipolisi n’igisirikare ca Tanzaniya kiburiza ku nguvu imodokari z’ishirahamwe mpuzamakungu HCR ryitaho impunzi. Abanse kwinjira imiduga ngo barakubitwa inkoni. Amakuru ava aho i Mtabila avuga ko hariho umukenyezi yapfuye kubera inkoni yakubiswe ku munsi wa mbere italike 19 z’uku kwezi kwa Munyonyo. Bavuga ko banka gutaha ku neza kubera ngo aho bahunze bava ata mutekano uhari kandi ngo ababiciye ababo ntibahanywe baracidegemvya.

Umushikirangaji ajejwe gutahukana impunzi mu Burundi yamenyesheje ko u Burundi bwiteguriye kwakira izo mpunzi zirenga ibihumbi 35 kandi ngo harageze ko zitahuka kuko amahoro ari yose. Clotilde Niragira yemeza ko habaye inama nyinshi hagati y’u Burundi, Tanzaniya na HCR zo gutahukana izo mpunzi. Eka mbere ngo n’abaserukira impunzi z’abarundi ngo baratereye ivyiyumviro vyabo.

Yavuze kandi ko kuva mu ntango z’uyu mwaka w’2012 impunzi zose ziri mw’ikambi ya Mtabila baharuwe bariyandikisha ku bushake bwabo kandi baremera ko bashaka gutaha mu gihugu c’amavukoro.

Mu kwezi kwa Myandagaro uyu mwaka, HCR yaratse ubuhungiro abo barundi barenga ibihumbi 35 bahungiye muri Tanzaniya mu myaka y’1972 n’1993. Abarenga ibihumbi bitatu baciye bahabwa uburenganzira bwo gukingirwa n’amategeko mpuzamakungu, ico bita mu gifaransa Protection international kubera vyabonetse ko bakikeneye gukingirwa.

Uwuserukira u Burundi muri Tanzaniya Jean Bosco Ndayikengurukiye yavuze ko izo mpunzi zitegerezwa gutahuka mu Burundi vyanka vyakunda kuko ngo ubu babayeho bidaciye mu mategeko.

Ishirahamwe LDGL rikingira agateka ka zina muntu mu karere k’ibiyaga binini ribona ko agateka k’abo barundi kariko karahonyangwa. Risaba ko horondererwa ahandi bashirwa kuko amategeko mpuzamakungu ngo arabuza gutahukana umuntu mu mutima wiwe adatekaniwe.

Umuhinga Tacien Sibomana yakoze icigwa ku vyerekeye gutahukana impunzi , Simon Simbananiye yahoze aserukira u Burundi mu makungu hamwe n’urunani FORSC rw’amashirahamwe yigenga mu Burundi bavuga ko u Burundi na Tanzaniya biriko birahonyanga amategeko agenga umuryango EAC w’ibihugu vya Afirika y’ubuseruko.

Ayo mategeko avuga ko umuntu wese arekuriwe gutembera no kuba aho ashatse hose muri kimwe mu bihugu bitanu bigize EAC, ivyo navyo ni u Burundi, u Rwanda, Tanzaniya, Uganda na Kenya. Ivyo bihugu vyose vyarateye umukono kuri ayo masezerano. Abo bahinga basaba reta y’u Burundi gukingira abanyagihugu b’ayo aho bari hose.

Ata gihindutse, bitegekanijwe ko imbere y’italike 31 z’ukwezi kwa Kigarama uyu mwaka impunzi zose z’abarundi ziri muri Tanzaniya zitegerezwa kuba zatahutse.
Ikambi ya Mtabila niyo yanyuma yari isigaye irimwo abarundi muri Tanzaniya, ico gihugu nico cari cakiriye impunzi nyinshi z’abarundi mu magume u Burundi bwaciyemwo kuva mu mwaka w’1972, nayo kuva mu mwaka w’2002 hamaze gutahuka abarundi barenga ibihumbi amajana atanu.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.