IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubutegetsi bwiyamirije umuzo w’abahinga ba ONU mu Burundi

Ubutegetsi bwiyamirije umuzo w’abahinga ba ONU mu Burundi

lundi 28 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu barenga ibihumbi cumi baragize imyiyerekano y’ukwiyamiriza irungikwa ry’abahinga ba ONU bagiye kurungikwa gukora amatohoza ku Burundi.

Kubw’umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Freddy MBONIMPA, iyo myiyerekano yari iyo kwerekana uruhara rw’igihugu c’Ububirigi cahaye indaro abagirizwa ko bashatse gutembagaza ubutegetsi. Iyo myoyerekano ikaba kandi yari iyo kwiyamiriza ingingo iheruka gufatwa n’inama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe agateka ka zina muntu yashizeho umurwi w’abantu batatu bagiye gukora amatohoza ku Burundi. Bitegekanijwe ko uwo murwi uzotohoza kandi ushikirize amazina y’abagirizwa ubugizi bwa nabi n’ihohoterwa rya kiremwa muntu bikorwa mu Burundi.

Ku ruhande rw’ubutegetsi, baramaze kumenyesha ko muri Reta itarota ikorana n’uwo mugwi w’abahinga ba ONU.

Nk’uko vyashikirijwe na Martin NIVYABANDI, umushikiranganji ajejwe agateka ka zina muntu, abo bahinga nta gishasha bazozana, kuko baje bakurikira abandi bahinga bagize icegeranyo co kwagiriza Reta y’Uburundi, ariko banka gushira muri ico cegeranyo ivyo inzego z’igihugu zababwiye. Reta y’Uburundi ikamenyesha ko itarabwa n’ibizova muri ayo matohoza y’abo bahinga bandi ba ONU bagiye kurungikwa mu Burundi.

Mu batavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA basanga kugira iyo myiyerekano y’ukwiyamiriza ONU hamwe n’ibindi bihugu ataco vyungura mu migenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, kandi ko ata muti bitanga ku bibazo Uburundi burimwo.


IGIHE

Messages

  • abo sabahinga ahumbwo nabangushi kuko ntibavugisha ukuri, nibabanze baje gukora amatohoza muRWANDA batumenyeshe uwarashe indenge yarimwo NTARYAMIRA na HAVYARIMANA ataruko tuzobiyamiriza mpaka, kuko KAGAME nigisambo........

  • Hhhhhhhhhhhh Abarundi mugeze habi mba mbaroga. Murabura gukora ngo mwiriwe mu myigaragambyo? Mwamaganye ububirigi? Ko noneho mwibagiwe kwamagana u Rwanda? Ibyo mwarwamaganiraga byararangiye? Mugeze aho gusabirwa

  • jewe ndabaza kuki iyo onu itigeze ikoramatohoza igihe micombero yariko aratikiza abahutu ikonge ra. ntikore. amatohoza Buyoya arikumara bahutu mbegicogihe ntabahinga baribahari?

  • None wumva ivyo kurungika abahinga baza gutohoza amabi yakozwe muburundi nubu akibandanya bihuriye nigihugu cububirigi jewe numva ukwo Ari uguteterwa kwareta yuburundi kumabi yirirwa irakorera abantu urumva ko mwabuze ico muvuga naho abantu ibihumbi 10000 nibakeya gose kuko igihugu cuburundi tukibamwo turenga imiliyoni 15 urumva ko muri kurushi mbe ubu iyoyaba Atari ubwo bukozi bwikibi mwishimikije natwe abashikiye ko abobahinga hamwe ninteko baza mwosanga tungana gute kuko mwibukeko nabaza mwayo manyembwa yanyu beshi ntibaza kubushake baza kungumvu nanje niyo nari kandi ataruko shingikiye Ayo mafuti yanyu ariko narabijemwo kubera iterabwoba mwariko muratugira ko jewe rero mbona mukora ubusa ahubwo nimwitegure kwishura kumaraso mwagasheshe ntabindi kuko nibatabahana twebwe abarundi tuzobihanira kuko natwe ntidusinziriye

  • NIMUGERAGEZE,MUBAKOMESHE,ABOBAGIZIBANABI,

  • ONU IKORERA SATANI . ARIKO YESU AGIRAZE AMENAGURE UBWO BWAMI BUKANDAMIZA ABATUYE ISI B’INZIRAKARENGANE . SOMA IGITABO CA DANIEL 2 : 31 -45

  • Ningorane Mana zigama u Burundi bwacu.

  • ndabatwenze izomburakimazi ngobarikobariyamiriza abazungu ahantu iyobagomba mwazamubona bahagaz kumitwe yanyu ahonyene mwariko murakinira iyoninde ndabatwenze izomburakimazi ngobarikobariyamiriza abazungu ahantu iyobagomba mwazamubona bahagaz kumitwe yanyu ahonyene mwariko murakinira iyoninde hehehehe!!!

  • Ahubwo hamwe bohonyoza nikirenge kugataka kacu,bazobona ayimbwa yaboneye kumugezi nibagende imahama kwa kagame gutora zirya mbunda bamuhaye*jewe ndatangazwa nivyo vyombo vyiyita abahinga? tumaze imyaka 3 atamfashanyo zabo dukoresha, abakozi ba leta barahembwa atangorane kandi baheruka kwongegwa none?mushaka iki? genda genda pupupupuuuuuuu!! mwakagome weyasama mucira mukanwa dufise intwari y’intare y’IBURUNDI PETER NKURUNZIZA yasizwe amavuta n’UHORAHO,uwumuhangaye akubitwa ninkuba atazi iyiturutse murabaze ba niyombare ayobabonye basigaye ari aba garde malade mubitaro bitandukanye,baheha amavyi yabagwayi mubitaro ngo nibajenerare yoooooh

  • iyo migumuko nkiyahahora niyiki?

  • hawo wazungu ha tuwataki kamwe !

  • Dore icyo abarundi musabwa 1-mureke kugendera ku moko nibwo muzabona amahoro y’abarundi bari mu gihugu cg abari hanze yigihugu cyanyu 2-nimureke kwanga abaturanyi banyu cyane cyane ab’abanyarwanda kuko iyo bikomeye uramutabaza 3-nimureke kwita kumateka ya hise ahubwo mwite kuri ejo hazaza 4-nimwicare nk’abarundi mwese musabane imbabazi kuko ariyo nzira izabageza ku byiza birambye 5-ni mwirinde uwababibamo u rwango rw’amacakubiri kuko icyo umwe yakora cyose ashaka kurandura ubwoko runaka ntiyabigeraho Kuko ntabapfira guhera 6- nkabarundi musangiye uburundi nimukundane mureke kwankana kuko mwese muri bene mugabo umwe. Nimukurikiza inama mbahaye muzagera kuri byinshi byiza ,nkibyo u Rwanda rumaze kugeraho birimo umutekano,ubukungu, isuku, abayobozi beza bakunda abaturage babo ntavangura, abaturage bakundana batakita kumoko, n’ibindi byiza byinshi ... N’inama nabagiraga nkabavandimwe ,,, nuko mukomeze mugire amahoro

  • @ Vivi, ngoturimburakimazi? Rindira tunyiganyize Isi mwumirwe! Wewe ubona dukora ibi ukibaza ngonibisanzwe rindira ndibaza ibihe ukwobigenda bikurikirana uzogenda gutahura aboturibo ninguvu dufise izarizo.
    Naho abohinga nambatari abahimba ntabo dukeneye mugihugu cacu nibafate barya ubutungane bwuburundi burondera tuzocatwemera kokw’Isi hariho abahinga atari abahimba.

  • Jewe nditegereza ubwobuhimbiri bwirirwa burasara buhendwa nivyo bijuju, burya uwavuze kwabantu bamwe bamwe kubwenge bwabaheranye ntibabesha kabisa. kwi yamiriza ONU bisiguriki jewe ndavyita kurwara mumitwe kwabategetsi bamwe bamwe !babiyamiriza unomusi ariko Ejo nyamitwe uzoza wumva yirutse kubasaba imfashanyo ya madorare! nicogituma ndabita intamenya kuko ntashobora gukengera amakungu ataco wishikanyeko. Abo biterera hejuru ngo nabashikiranganji,badahura nicobajejwe, barindire umuzero uzohinduka amarira.

  • HUTSI wewe nimba arakamogi wanyoye kagutwaye ubwonge, iyo mubwiwe komurimburakimazi nivyukuri murimburakimazi ijana kwijana. ONU iyiba intagenda bukebuke yengenga ndibaza ivyuvuga ntubukubivuga! nkamwebwe mwohindishisi mubike? kombona mwiyaga rugatuma! burya ururimi ntaho rusa rusana numuntu, wewe uvuga yuko wohindisha agashitsi isi, wewe ibombo imwe yatoni 500 ikororewe harya mukibira hatari nabantu, bosanga wi yononyeko. Abonabo baguhenda bobo nidebe ndabazi kugusuvya nibo botangura guhunga ugasigara uranya kunkoni. Uwo nkurunziza abahenda ubwoba afise bugana ahobwagakereye, urabaza canke umwegere umubaze uburyo yinyegeza murufunzo ibuga ingabo zigihugu ziriko ziramushamburiya, uyo nkubwire ntagoye ntawuramukenera, kuko twebwe abanyagihugu twifuza kwashikirizwa ubutungane Mpuzamakungu ni yagirwa nicaha ahanwe, niyaba umwere yezwe, nuko nkubariye.

  • Mzohera Morodikayi,
    Nezaneza urantwengeje!!!
    Rekandakubaze’ mbe wewe wibaza ko ONU arumuyaga? Mbewibaza ko ONU arurubura, canke ikindikintu kitari ikiremwamuntu?
    Rekandabigusobanurire ONU nabantu abobantu bagize ONU nabarundi barimwo nincuti zabarundi zirimwo, ivyovyose vyakwononye mumutwe wibaza ngo ONU harico izogufasha inyuma yokunanirwa kwanyu gukubita yakudeta muzotegereza mubure kandi muzokwicwa nintuntu mugenda mwiyahura gushitsa muheze maze hasigare abanabanyu gusa.

  • Sukugenda bukebuke kwa ONU ahubwo isanga ibivugwa nabarundi bahunze igihugu bahejeje gushaka kugita mukaga ataho bifatiye. politike zirarutana kweli, iya Nyakubahwa Nkurunziza iraziheta.uwaruvyinye ararwumako

  • HUTSI sha urubabaje cane,nbega murabo barikubutegetsi bwicaduka ninde yokubahuka muri ONU basigaye bahunga namanama batumiwemwo ngo bokubahuka muri ONU! erega burya nicutamenya nkurunziza nabiwe bose basigaye aribicibwa mwisi. Nayivyuvuga ngo amakungu ntacazofasha kugira turonke amahoro ngaha muburundi, rindira amakungu niya nanirwa kucoyoshikako hazokoreshwa ubuhinga bugezweho. cabiri uririra wewe numuryango wawe jewe ntundirire, ibisigaye tubirindire, ndibaza jewe narize rimwe nawe uzorira kabiri.

  • ubundibadushakirikikuburundibgacu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.