IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > u Burundi > Inama nkenguzamateka yasozeye ibikorwa vy’isasa rya gitugutu

Inama nkenguzamateka yasozeye ibikorwa vy’isasa rya gitugutu

Friday 29 December 2017, by Jean De Dieu

Mu kiringo c’amezi atatu aheze,inama nkenguzamateka yarashoboye kwiga yongera iremeza integuro z’amabwirizwa 11 mu mabwirizwa 19 reta yari yarungikiye inama nkenguzamateka.

Murico gikorwa umukuru w’inama nkenguzamateka yamenyesheje yuko mu mezi 3 arangiye ko baranguye ibikorwa bitari bike nk’ibijanye n’amazina yemejwe y’abazorongora inzego z’ubutungane, ibikorwa vy’iterambere rusangi bakoranye n’abanyagihugu,guhimiriza abanyagihugu gutera ibiti ,gutanga imfashanyo ku banyagihugu bahuye n’ivyago ry’ihindagurika ry’ibihe hamwe n’inama bitavye mu gihugu ca Koreya y’epfo mu ntumbero yo kurahura ubwenge kubijanye no kwiteza imbere.

Kubijanye n’imigenderanire y’inama nkenguzamateka n’amashirahamwe mpuzamakungu ,Reverien NDIKURIYO yashikirije ko bakiriye intumwa z’ishirahamwe ry’amanama nshingamateka na nkenguzamateka bakoresha ururimi rw’igifaransa.

Umukuru w’inama nkenguzamateka mu kurangiza ibikorwa vyo gusozera isasa rya gitugutu yateye akamo abantu bose babishoboye gutanga intererano yabo y’amatora.


Bikorimana Vianney

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.