IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nshingamateka yemeje izina ry’uwugiye gusubirira Hafsa (...)

Inama nshingamateka yemeje izina ry’uwugiye gusubirira Hafsa Mossi

mercredi 19 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Inama nshingamateka y’Uburundi yemeje kuri uwu wa gatatu, izina ry’umushingamateka agiye gusubira mu kibanza ca Hafsa Mossi, mu nama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko. Umukenguzamateka Jean Marie MUHIRWA niwe yemejwe.

Jean Marie Muhirwa ni umukenguzamateka yatowe mu ntara ya Kirundo, akaba yemejwe n’abashingamateka 103, hamwe na batandatu batamwemeje.

Umushingamateka Hafsa Mossi yagandaguwe arashwe mu gatondo ko kw’igenekerezo rya 13 Mukakaro 2016, nk’igihe c’isaha zine n’iminota mirongo itatu, aho akaba ari mu gihe yari ageze muri zone Gihosha, ibarabara "Nyankoni".

Igiporisi c’Uburundi cemeza ko cafashe kw’igenekerezo rya 21 Mukakaro 2016, abantu batatu bagirizwa ko aribo bagandaguye umushingamateka Hafsa Mossi. Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko abo bantu bafashwe mu gihe bariko bategura kugandagura umuhanuzi wo mu biro vy’umukuru w’igihugu atavuzwe izina.

OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, amenyesha ko abajejwe umutekano bamaze gufata abo bantu batatu, haciye hakorwa isakwa ku rugo ruri muri zone ya Mutanga, muri komine Ntahangwa, hafi y’ahagandaguriwe umushingamateka Hafsa Mossi.

Mu giporisi bakavuga ko mu matohoza bakoze, basanze abo bantu biyemerera ko bahabwa amategeko n’uburyo bwo kugandagura abantu babwiwe, mbere OP1 Pierre NKURIKIYE akavuga ko abo bafashwe biyemerera ko ayo mategeko n’uburyo bw’ukugandagura abantu babihabwa n’umurwi w’abantu bari i Kigali mu Rwanda, basanzwe bakorana n’abo bafashwe.


IGIHE

Messages

  • Akabi gasekwa nkakeza kandi Ngo zirisha mitumba ziraririye mihabo

  • Mone abagandaguye Hafsa ntibatumwe nabibereye Kigali ivyontibizwi kumvashanyo ivamubihihu vya Bulaya maze urwanda rukabafasha jubaha inzira nahobakorera amana.
    Maze wamuntu ngwaserukira America mubiyaga binini akaza guhengama birenze ngontibokwubahuka gushirahejuru ngobiyamirize urwanga mukwivanga muvyu Burundi ngokuko vyocabihinduka bikaba ivyibihugu bihanganye ngobakababarahovye ivyogukomeza baryanisha abene Burundi ngokandi aricobashatse.

  • Ni bareke kubesha abantu birazwi kwi si nzima ko yishwe na Bunyoni,abatabizi nizo mbonerakure bakorofye mu mitwe,none usanga ari u Rwanda rwamwishe ni kuki banka kuja i la Haye kwisigura nuko bazi ko ataco bokwishula

  • heee.......nngobamusubirije kobasubirij umugabo? niwebabonyeko atorizwanamaganya impunzizifise? komutamusubiriza umudamu? murihendabasha ivyomukora imana ibigomyve kobigaragara!! nigiticorira

  • haaaahaaa Ababizi muze mutubwire niba nkurikiye yaraciye ku ntebe yishure ?!!!:nigitangaza kabisa ubintu agenda aratangaza mumisi irimbete azo bisobanura ? kiretse niba uko bavugako bazo tegeka kugeza yesu agarutse !! ibijuju birarwira

  • Ubwo mwa mbonerakure mizoshikirwa namwe NGO burya umuhoro utemye mukaso urakumbura uwurenze urugo. Uwo mufasoni mwishe Imana izomuhora nimurindire

  • Ubwo bwangushi bwanyu basha buzohinyuka, ngo yishwe nabatumwe nabomurwanda! twese turabizi yuko Hafsa Mossi yagandaguwe nabamwe muba CDD FDD basazwe baterekwa icitwa amahoro Muburundi.Abonabo bavurwa kobafashe, nibamwe bateguriwe kuvakera ko bazofatwa bakicwa, abandi bagafurwa bahorwa ubwoko bwabo. Ariko ikintu cose gifise intago niherezo,bitebe bitebuke bizohinduka abobose biboneka kobahambaye, bazocishwa bugufi umusumwe.

  • aboba ntu babaha tu mye nibavuge iyobari baronde gwe ariki nyoma kijeaha bona bashi re ukuri kumugara garo ndukeneye amahoro muburundi kuko ibyoni byo bisubiza inyuma uburu ndi biga tuma tudateri mbere nkibindi bihugu abarundi tugeze ahaga kubukene nareta ntibibona tukoriki abarundi? ubwi canyi ubukene inzara kubura umutekano nimana wome nga yaduhebye ababije zwe bakore nkamagu furi watanzania mugukunda igihu gu nabanyagihugu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.