IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama ya COMESA yobereye mu Burundi mu kwezi kwa kane ishobora kuba ku (...)

Inama ya COMESA yobereye mu Burundi mu kwezi kwa kane ishobora kuba ku rindi sango

samedi 24 février 2018

Abicishije ku nsamirizi n’imboneshakure vy’igihugu, Ambassadeur Zephrin MANIRATANGA arongoye umurwi utegura iyo nama ya COMESA, yavuze ko igituma iyo nama itakibaye mu kwezi kwa kane 2018, ari uko ibihugu birenga 9 biri mw’ishirahamwe COMESA, bisanzwe biri no mw’ishirahamwe ry’ibihugu bivuga ururimi rw’icongereza Common Wealth, ivyo navyo bikaba bizokwitaba iyindi nama ibihuza izobera mu gihugu c’Ubwongereza.

Ambassadeur Zephrin MANIRATANGA yamenyesheje ko ivyo bihugu vyasavye ko hoba ibiganiro kugira barondere irindi sango ryohurizwako na bose ryoberako inama ya COMESA, kuko iya Common Wealth izobera mu gihugu c’Ubwongereza yegeranye cane n’iya COMESA.

Umukuru w’umurwi utegura inama ya COMESA avuga ko hari imibonano yamaze gutangura hagati y’abashikiranganji, iyi nayo ikazotuma hashingwa isango rihurijweko na bose, iyo nama ya COMESA izoca iberako.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Iyo nsiguro siyo. Ahubwo ntibashaka kuza i Bujumbura. None iyo nama ya Commonwealth ije giturumbuka ?

  • ubwo ni intango ko itakibereye mu burundi, vyerekana ko uburundi ntabushobozi bufise bwokwakira iyo nama. Mbe hoho ninde mukuru wi gihugu yo kwemera kuza muri ico gihugu nanyeneco nawe atagisohokamo, ninde ? baca umugani ngo ’’akebo kaja iwa mugarura’’

  • ubwo ni intango ko itakibereye mu burundi, vyerekana ko uburundi ntabushobozi bufise bwokwakira iyo nama. Mbe hoho ninde mukuru wi gihugu yo kwemera kuza muri ico gihugu nanyeneco nawe atagisohokamo, ninde ? baca umugani ngo ’’akebo kaja iwa mugarura’’

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.