IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ingingo yo kwimurira ibituro vy’imodoka kw’isoko ya COTEBU yamaze kuja mu (...)

Ingingo yo kwimurira ibituro vy’imodoka kw’isoko ya COTEBU yamaze kuja mu ngiro

lundi 3 Mukakaro 2017

Abunguruza abantu babajana mu ntara zo mu gihugu hagati bamenyesha ko ingingo yo kwimurira ibituro vy’imodoka kw’isoko ya COTEBU Atari mbi, ariko hari ivyategerezwa gukorwa imbere y’uko baja gukoorera muri ico kibanza.

NDIKUMANA Juma Saidi yunguruza abantu abajana mu ntara ya Gitega, amenyesha ko ikibanza bimuriwemwo kitaramenyerwa n’abaja mu ntara zo hagati mu gihugu, kandi ko hakenewe utuzu twa surwumwe kugira bikingire indwara ziva kw’isuku rike.

Yavuze ati:«Twashimye kubona batuzanye ngaha, ariko ingorane ihari nuko batuzanye batarahategura neza kugira tumenye aho igituro kigera. Kubera ari mu ntango ni hato,ikibanza ni gito kandi uwiyunguruza biragora kugira atore aho afatira imodoka.»

Amenyesha ko ku munsi wa mbere abaje gufatira imodoka muri ico kibanza atari benshi, kuko hari abatari bwamenye ko ikibanza bafatiramwo imodoka zija mu ntara zo hagati mu gihugu cahindutse.

NDIKUMANA juma Saidi amenyesha ko kubera ubwinshi bw’abantu bagiye kuza muri ico kibanza, n’abasuma bazoca bongerekana, agasaba ko abajejwe umutekano bokwongerezwa mu ntumbero yo gukinga ntihabe amasanganya kandi n’abiba ntibikike mu kiza.

JPEG - 66.1 ko
NDIKUMANA Juma Saidi, atwara imodoka yunguruza abantu

Naho abunguruza abantu bavuga ko bataraduza ibiciro vyo kwiyunguruza, Desire HAKIZIMANA umwe mubo twasanze bategereye imodoka ibajana muri Komine Bukeye,mu ntara ya Muramvya yavuze ko yahora atanga amafaranga 3000 vy’amarundi, ariko un munsi bamusavye amafaranga 5000.

Ingingo yo kwimurira ibituro vy’imodoka ziduga mu gihugu hagati yateweko umukono n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA , kw’igenekerezo rya 27 Ruheshi 2017.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Aho hantu ko mbona umengo ntihatunganijwe na gato? Ko turi muri EAC uyo mu Maire ntibomurungika nk’ i Nyegezi i Mwanza canke Ubungo i Dar-es-Salaam, Tanzania kugira arabe ingene abantu bashaka kwiyunguruza bagerageza kuborohereza n’aho bitoroshe kubera ubwinshi bw’abo?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.