IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inkoho 37 nizo zafashwe n’igiporisi mu kiringo c’amezi atatu

Inkoho 37 nizo zafashwe n’igiporisi mu kiringo c’amezi atatu

mercredi 18 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ariko ashikirizwa ivyo ubushikiranganji bw’umutekano bwaranguye mu mezi 3 aheze, Umushikiranganji Alain Guillaume BUNYONI yamenyesheje ko amadosiye angana 4894 yuguruwe mu gisata c’amatohoza, muriyo amadosiye 3797 yakozwe arahera yongera arungikwa mu maparake mu gihe ayarenga igihumbi akiri mu matohoza.

Alain Guillaume BUNYONI yamenyesheje ko mu mezi atatu aheze ubushikiranganji arongoye bwashoboye gutuza inzoga zitemewe n’amategeko, aho amaritiro ibihumbi 155.200 yasheshwe, ibiro 392,5 n’udutu 6.336 tw’urumogi twafashwe, ibiti 413 vy’urwo rumogi navyo birarandurwa.

JPEG - 107.1 ko
Alain Guillaume BUNYONI, umushikiranganji w’umutekano

Ibindi vyaranguwe n’ubwo bushikiranganji, nk’uko vyashikirijwe na Alain Guillaume BUNYONI, amasuzuma 2773 yarakozwe mu ntumbero yo gutsimbataza umutekano y’uruja n’uruza rwo mu mabarabara, aho ihadabu y’amafaranga 479.014.000 y’amafaranga y’amarundi yatojwe ku barenze amategeko yo mu mabarabara.

Umushikiranganji Alain Guillaume BUNYONI yamenyesheje ko muri kino gice kigira kabiri c’umwaka wa 2018 bazokora n’inguvu kugira barandurane n’imizi ubugizi bwa nabi bwose n’iterabwoba.


Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.