IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Intara zose zizokwerekana kw’igenekerezo rya 1 Mukakaro imigambi itatu (...)

Intara zose zizokwerekana kw’igenekerezo rya 1 Mukakaro imigambi itatu zaranguye

vendredi 3 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Abarongoye intara zose zigize igihugu c’Uburundi basabwe gutegura imigambi itatu umwe wese azokwerekana kw’izina ry’intara arongoye, kw’igenekerezo rya mbere Mukakaro, umunsi Uburundi buzoba bwibuka imyaka 55 izoba iheze buronse intahe y’ukwikukira.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yabisavye ba Buramatari bose barongoye intara zigize Uburundi, mu nama yabagirishije mu ntara ya Kirundo, komine Busoni, kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 3 Ntwarante 2017.

Muri iyo nama, Buramatari w’intara ya Kirundo yamenyesheje umukuru w’igihugu ko amakomine amwe amwe y’iyo ntara yasinzikajwe n’inzara kubera uruzuba.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.