IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Intonde zabiyandikishije kwinjira mu giporisi zashizwe ahabona

Intonde zabiyandikishije kwinjira mu giporisi zashizwe ahabona

Tuesday 30 October 2018, by vianney

Umushikiranganji w’umutekano,gukinga no gutabara mu gihe c’ibiza n’isibe CPC Alain Guillaume BUNYONI avuga ko abemerewe gukora ibibazo bitegekanijwe bizokorwa kw’igenekerezo rya 6 gushika 10 Munyonyo 2018 ku mirwa mikuru y’intara bavukamwo kandi biyandikishijemwo .

Uwo mushikirangaji asaba abazoja gukora ico kibazo kwibangikanya ikarata karangamuntu yabo hamwe n’agapapuro bahawe igihe biyandikisha.

CPC Alain Guillaume BUNYONI asaba abajejwe intwaro gufasha kugira mu biyandikishije ntihabemwo ababesha ku bibaranga,abavyeyi n’abajejwe indero nabo mu mashure abasaba gufasha ntihagire abana bari mu mashure kudata ivyigwa ngo bagiye kwinjira igiporisi.

Uwo mushikiranganji aheraheza avuga ko abatemerewe gukora ibibazo kubera badakwije ibisabwa bazosubizwa amadosiye yabo.


IGIHE

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.