IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > u Burundi > Intumwa z’igihugu ca Suisse zishikiye kuraba ishirwa mu ngiro ry’ibikorwa vyo (...)

Intumwa z’igihugu ca Suisse zishikiye kuraba ishirwa mu ngiro ry’ibikorwa vyo gufashanya

Thursday 26 April 2018, by Jean De Dieu

Natacha ANTILLE yaserukiye umurwi w’intumwa za Reta z’igihugu ca Suisse, yamenyesheje ko baganiriye n’abayobozi bakuru b’inama nshingamateka na nkenguzamateka ku bijanye n’intererano batanga, ijanye no gukarihiriza ubwenge inama nshingamteka na nkenguzamateka y’Uburundi uko ishirwa mu ngiro

Natacha ANTILLE yamenyesheje ko inyigisho zo gukarihiriza ubwenge izo nzego zibiri basanzwe bafata mu mugongo zifasha kugira ibikorwa vyazo bikorwe neza.

Natacha ANTILLE yavuze kandi ko muvyo baganiriye n’abo bayobozi b’inama nshingamateka na nkenguzametaka y’Uburundi harimwo n’uko imigenderanire igiye gukomezwa mu minsi iri mbere na cane cane kuvyo bazofashanya naho boshitsa.

Icegera ca kabiri c’inama nkenguzametaka Anicet NIYONGABO yamenyeshejeko izo ntumwa z’igihugu ca Suisse zishikiye kuraba neza ko inama nshingamateka na nkenguzamateka y’Uburundi zaronse inyigisho zari zategekanijwe zijanye no gukarihiriza ubwenge abakenguzamateka n’abashingamanteka mu bisata bitandukanye.

Igihugu ca Suisse nico cafashe mu mugongo inyigisho zatanzwe ku bayobozi n’abakozi batandukanye b’inama nshingamteka na nkenguzamateka zijanye n’ingene amategeko atorwa n’ingene ahinyanyurwa mu mwaka uheze wa 2017.


Bikorimana Vianney

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.