IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Intumwa z’umuhuza MKAPA ziri mu rugendo rw’akazi mu Burundi

Intumwa z’umuhuza MKAPA ziri mu rugendo rw’akazi mu Burundi

mercredi 3 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Intumwa z’umuhuza mu matati ya poritike y’Uburundi, Benjamin William Mkapa ziri i Bujumbura kuja kuri uwu wa kabiri, mu mibonano itandukanye zizogirana n’abanyeporitike bo mu Burundi batari batumiwe mu biganiro biheruka kubera i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya.

Izo ntumwa zizobonana kandi n’abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, amashirahamwe y’urwaruka, abaserukira abakenyezi, hamwe n’abaserukira amadini.

Abo barungitswe mu Burundi n’umuhuza Mkapa barongowe na Ambassadeur David KAPIA, bakaba kuri uwu wa gatatu baza kubonana n’abaserukira amadini, abaserukira urwaruka hamwe n’abaserukira abakenyezi.

Imbere basubira inyuma, bazokwishikira kandi mu gihugu ca Uganda, aho bazobonanira n’abahunze Uburundi bo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, abaserukira urwaruka hamwe n’abaserukira abakenyezi.


IGIHE

Messages

  • ntakizovamwo ko zizobonana n’imbonerakure!!!

  • Ntiboza Barata Umwanya Nibarondere Abo Bose Begwa Nibibayo Vyama Bitera Ingorane Muri Kino Gihugu Bumvirize Ivyiyumviro Kumirwi Yose Turabe Ko Tworonka Amahoro N’umutekano Birama

  • Muburundi Ntamashirahamwe Adaharanira Ivyaporitike Ahari Arayumugambwe Dd

  • Wakera Mwamaze Kumenyako Atakizovamwo? Mwihebuye Mukiriko Muzoturika Kuko Nuwutazi Ubwenge Arabona Ukuri Ahokuri. Mubantu Cumi Banditse Abapinga Ni Babiri Gusa None Bizogenda Gute Mumisi Iza Gasha. Nyishura.

  • UWO,MWANYA,BAWUTERIKI,NYAMBA,BARANANIWE,NIBATUVIRE,MUGIHUGU

  • Iyombwa Wakera Murarabe Ntabagandagure Ngwavuge Ngo Nimbonerakure

  • Iyombwa Wakera Murarabe Ntabagandagure Ngwavuge Ngo Nimbonerakure

  • Nta matati ari mu Burundi !!!! None abanse gutwagwa na President yitorewe n,abanyagihugu bazoganira bavuga ngw,iki? Bashaka intwaro z,amakuteda ( coup d,etat) stupid

  • Wakera ni umusazi aba kwa Le Gentil. Kubera yishe abantu benshi i Burundi ubu yarahahamutse. Ijambo risigaye mumutwe we ni imbonerakure(abahutu nibyo aba ashatse kuvuga). Uwamukubita agafuni nkuko se wabo kagame yica yo kanyagwa iyo ngegera y’igipfapfa.

  • Ibiganiro nyezina twebwe abarundi twarabihejeje,igihe twitorera indongozi zibibereye,ibiyago navyo tuvyamamwo,ibindi biganiro tuzobiyaga 2020,hageze gusubura gutora umuyobozi abikwiye kandi abibereye,nawe suwundi ,nuw’imana izoba yubitseko ikiganza,kuko wewe aza yaramaze gusigwa amavuta kandi nigikombe ce kira sesekaye,imutegurira kandi ameza meza caaane mumaso yabansi biwe,abarundi turi yieux.ntabiganiro vyamagaburanyama dushaka,gezaho ubu turamaze kumenyana neza ,umukunzi numwansi arazwi.

  • Abarundi Turarushe Baba Twebwe Twahunze Mbere N’abasigay Mu Burundi.Nta N’umwe Adafise Ikibazo Ku Biri Muri Leta Ihari Kuva Mandat Ya 3 Ivuzwe Ya Nyenicubahiro Nkurunziza Petero.Ico Twiteze Ni Ingene Abarundi Bazokwifata Hamwe Abari Mu Ntwaro Ya Mutama Petero Bokwanka Ibivuye Mu Biganiro Na Bundi Bamwe Bamwe Mu Batavuga Rumwe Na Leta Bobo Bipfuza Gufata Inzira Y’ukugwanya Leta Bakoresheje Ibigwanisho.Bucendore.Ndi Hanze Mu Buhungiro.

  • Ikizozana amahoro kiri kuri Bac A SABLE !!! It is a matter of time!!!

  • MUGARUSTE KUVUGA NGOBAHE IKIGOGWE BICANYI IZODA ZANYU ZITABAKUNDIRA KUGUMA IWANYU EREGA MUBURUNDI NTANGORANE ZIHARI ABANYAGIHUGU BAKUNDAMAHORO TURHBECHI GUMIWANYU AKAZOVYURUMUTWE TUZOBA TUKABO INGABO ZITARABA AMOKO NIZOSE PORICI ABANYAGIHUGU UKO NONE MWIRIGWINOMUGARUSTE KUVUGA NGOBAHE IKIGOGWE BICANYI IZODA ZANYU ZITABAKUNDIRA KUGUMA IWANYU EREGA MUBURUNDI NTANGORANE ZIHARI ABANYAGIHUGU BAKUNDAMAHORO TURHBECHI GUMIWANYU AKAZOVYURUMUTWE TUZOBA TUKABO INGABO ZITARABA AMOKO NIZOSE PORICI ABANYAGIHUGU UKO NONE MWIRIGWINO MUBIKI?=

  • Nyakubahwa Pierre Nkurunziza Turamusavye Arekure Abapfunzwe Bahogwa Gungabanya Igihugu Bo Guhera 2o11 Gushika 2o14 Abahe Ikigongwe Nkuko Yesu Yahaye Ikigongwe Abamubavye Nabamucumise Icumu Murubavu Ari Kumusaraba .Barisubiye Ntibosubira. Nakare Ijambo Ryimana Riti Baharire Ntibazi Ico Bakora.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.