IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inyigisho ku kibanza c’iterambere mu bimenyeshamakuru

Inyigisho ku kibanza c’iterambere mu bimenyeshamakuru

lundi 16 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Iyo nama yo kwugurura icese ivyo vyigwa vyo kumenyesha amakuru ajanye n’ibijanye n’iterambere yabereye ku cicaro gikuru c’ibanki y’isi yose mu Burundi, kuri uwu wa kane igenekerezo rya 12 Ndamukiza 2018.

Mu bamenyeshamakuru 500 basavye gukurikirana ivyo vyigwa, ijana nibo batowe kugira bazohabwe ubumenyi mu kumenyesha amakuru ajanye n’ivy’iterambere.

Ico gikorwa rero co kwigisha abamenyeshamakuru ibijanye n’ukuvuga amakuru ajanye n’ivy’ iterambere bikazofatwa mu mugongo n’ibanki nkuru yisi yose, ifadikanije n’ishure rikuru mu kumenyesha amakuru ryo mu Bufaransa mu gisagara ca Lille (ESJ), hamwe n’irindi shure ryigisha ubuhinga n’ubumenyi mu kumenyesha amakuru mu gihugu ca Sénégal.

Makhtar Diop icegera ca kabiri kubwa Afrika mw’ibanki y’isi yose yaribukije uruhara ntangere bw’ivyo vyirwa ku bamenyeshamakuru, cane ko amakuru batanga muri afrika menshi ari ayajanye na poritike hamwe no kwidagadura.

Iterambere nta kibanza rifise mu bimenyeshamakuru vyo muri Afrika, nk’uko vyemezwa na Makhtar Diop amenyesha kandi ko ibibazo bijanye n’iterambere bifise akamaro narirya abamenyeshamakuru baterera mu kwigisha ababumviriza kandi bakanabafasha mu guhimiriza ko ibintu bigenda neza.

Ivyo vyirwa rero bizofasha abamenyeshamakuru gutora no gukora neza inkuru canke ibiganiro bijanye n’iterambere.

Muri abo bamenyeshamakuru 100 batowe mu bandi kugira bakurikirane ivyo vyirwa bijanye no kumenyesha amakuru ajanye n’iterambere, harimwo abarundi bane, babiri bakorera ikimenyeshamakuru IWACU, umwe akorera ikinyamakuru IGIHE hamwe n’umwe akorera itororokanirizo ry’amakuru ABP.


Ornella DUSHIME

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.