IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Iradiyo Bonesha FM igiye kwemererwa gusubira gukora

Iradiyo Bonesha FM igiye kwemererwa gusubira gukora

mardi 14 Ruhuhuma 2017

Icegera c’umukuru w’urwego rukurikirana ingene ibimenyeshamakuru bikora mu Burundi CNC, Gabriel BIHUMUGANI, amenyesha ko iradiyo Bonesha FM igiye gusubira gukorera ku mugaragaro mu minsi ya vuba.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa mbere igenekerezo rya 13 Ruhuhuma, umwaka wa 2017, Gabriel BIHUMUGANI yavuze ko urwego CNC rukorana neza na Radiyo Bonesha FM kandi ata kibazo kihari.

Muri ico kiganiro, Gabriel BIHUMUGANI yavuze ko iradiyo Bonesha FM yari kuba yaratanguye gukorera ku mugaragaro, kuko n’ubu abamenyeshamakuru bayo bakorera ku buhinga ngurukana bumenyi kandi bisunga amategeko agenga kumenyesha amakuru.

Gabriel BIHUMUGANI amenyesha ko atacobuza ko Iradiyo Bonesha FM ikora kuko isanzwe ifise n’umurongo ivugirako.

Mwomenya ko icegera c’umukuru w’urwego CNC ivyo yabishikirije mu gihe kuri uno wa mbere amakungu yahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe amaradiyo.


IGIHE

Messages

  • Ariko muzobanze muhinyanyure amategeko. Habe umurongo ntarengwa ku bimenyesha makuru vyigenga kugira ayo maradiyo ntazosubire kwivanga mu vya politike. Nivyiza ko iradiyo zitangaza amakuru ya politike ariko sivyiza ko abaho kwivanga cane guhengama kwayo maradiyo nkuko twabibonye mu bihe turenganye.

  • Jewe Iconovuga Nikoshimye Kwumva Iradiyo Igiye Gusubira Gukora

  • Nukuri Ndanezerejwe Cane Nukwumva Iradiyo Bonesha F.M Yosubira Gukora Nkabankeje Cane Abamenyesha Makuru B,iradiyo Bonesha F.M Nibakomere Kw,ibanga Ryabo Abarundi Turinyuma Yabo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.