IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Iragi rya Rwagasore risa n’iryibagiwe inyuma y’imyaka 52 gusa (...)

Iragi rya Rwagasore risa n’iryibagiwe inyuma y’imyaka 52 gusa ashengeye

samedi 12 Gitugutu 2013

Abarundi ejo aho bukera bazokwibuka igenekerezo ntibagiranwa muri kahise k’igihugu. Imyaka mirongo itanu n’ibiri izoba iheze umuganwa Rudoviko Rwagasore agandaguwe. Ihimbazwa ry’iyo myaka rigeze muri politike y’Uburundi hibonekeza ukutihanganirana, aho abadasangiye ivyiyumviro barabana ay’ingwe. Umwe mu bagendanye na Rwagasore abiha insiguro y’ukwikunda, aho umutegetsi araba inyungu ziwe, iz’abanyagihugu akegeza kure yiwe.

Imfura y’umwami Mwambutsa wa 4 yavutse mu mwaka w’1932. Kuva mu buto bwiwe, Rwagasore Rudoviko yaranzwe n’ukwicisha bugufi. Ibibazo vy’ubukene bw’abanyagihugu vyatumye atangura kubahimiriza gukorera hamwe. Mw’ijambo yavugiye i Butanyerera, yasavye abarundi gutangura gukorera hamwe, bashinge amakoperative. Piyo Masumbuko, umwe mubagendanye na Rwagasore aratangazwa n’ingene inyuma y’urupfu rwa Rwagasore abarundi bacanyemwo, bashira imbere inyungu zabo. N’aho intambara yateye, ubukene bugakurikira, Piyo Masumbuko asigura ko Uburundi butaronse abategetsi bavuga ivyo bemera, bemera ivyo bavuga kandi bavuga ukuri, ata terambere rishoboka. "Hariho n’ibindi bihugu vyo muri Afrika vyaciye mu ntambara, ariko ubu biriko biratera imbere. Nta kindi bivako atari uko ababitwara bahisemwo gukorera ineza y’abatwarwa, ntibashire imbere inyungu zabo bonyene".

JPEG - 16 ko
Piyo Masumbuko, umwe mu bagendanye na Rudoviko Rwagasore

Rwagasore yamye arangwa no kwumviriza bose, agashira imbere ivyiyumviro vy’umwe wese.

Ukwibuka imyaka amaze adandaguwe gushitse mu migambwe yo mu Burundi hari ukutumvikana. Nta ndwi ihera mu gihugu hatavuzwe urwaruka rwo mu migambwe rwashamiranye, ahandi amabendera agataburwa, ingoro z’imigambwe nazo zigacafuzwa. Piyo Masumbuko yagendanye na Rwagasore amenyesha ko ari ibigaragaza ukudakunda igihugu kuri mu banyamigambwe. Yibutsa ko abategetsi bari bakwiye kumenya ko bariho ku neza y’abanyagihugu bato bato. Ivyo bokora vyose bobikora ku neza y’abatwarwa, kandi bakamenya ko mw’ihiganwa hatsinda uwufise ico yamariye abanyagihugu. Ku bwiwe, nta kamaro ko kunyinyuranira kuguma ku butegetsi kuko iyo umutegetsi ataco ariko aramarira abamutoye, nawe nyene ubwiwe ataco aba abamariye.

Ku kutumvikana kuri hagati y’abayobozi b’umugambwe UPRONA w’umuganwa Rudoviko Rwagasore vyerekana ko abari muri uwo mugambwe batigera bashira ku muzikanyi imigabo n’imigambi ya Rwagasore. Piyo Masumbuko amenyesha ko benshi batibuka ico izina ABADASIGANA rivuga : "Abasigana bisigura abantu badasigana, vyose babikorera hamwe, baja inama n’ingingo. Hagize ikibatera bakirwaniriza hamwe". Masumbuko Piyo we amenyesha ko namba "Abadasigana" ubu baracanyemwo, vyerekana ko batakizi ico izina bitwa risigura. "Benshi ubu ni abaporona". Piyo Masumbuko ahanura abatariko barumvikana ku kibazo c’ihindurwa rya Therence Sinunguruza ko bokwumviriza impande zose, batore uwo bumvikanyeko bose. "Nibabanze baje hamwe bavugane ico bakeneye kuwo bakeneye gutora, abategetsi bashaka kuguma mu bibanza bahawe nabo bakamenya ko ubwizigirwa buronderwa, ariko atari ikintu ubwiriza abantu ko boguha".

JPEG - 15.3 ko
Umuganwa Rudoviko Rwagasore

Umuganwa Rudoviko Rwagasore, ari nawe abarundi bazokwibuka ejo yavutse igenekerezo rya 10 Nzero 1932 i Gitega, avyawe n’umwami Mwambutsa wa 4 n’umwamikazi Tereza Kanyonga. mu mwaka w’1939 niho yatangura amashure mato mato kw’ishure ryo mu Bukeye. Mu mwaka w’1945, yaciye yungurruriza mu gihugu c’Urwanda kubandanirizayo amashure muri Groupe Scolaire d’Astrida i Butare ahamara imyaka itandatu. Amashure ya kaminuza yayakurikiraniye mu gihugu c’Ububiligi muri kaminuza y’i Anvers. Mu mwaka w’1956 atashe, niho yatangura ibikorwa vya politike, aca ashinga umugambwe UPRONA (Union pour le progrès national) mu mwaka w’1958, mu kwezi kwa Nyakanga. Intumbero yiwe kwari ukurwanya abakoroni n’ugusaba ko igihugu cokwikukira.

N’aho abazungu atako bari bagize kugira baburagize ibikorwa vy’umugamwe wariko asaba ukwikukira, UPNONA yaratsinze amatora y’abashingamateka yari ahagarariwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ku majwi 80 kw’ijana. Rwagasore yaciye aba umushikiranganji wa mbere ku genekerezo rya 29 Nyakanga 1961. Inyuma y’iminsi cumi n’itanu gusa, kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu 1961, niho yagandagurwa arashwe urusasu. Uwamugandaguye, umugiriki yitwa Kageorgis, yamusanze aho yari yagiye gufungurira, ku buriro buri hafi y’ikiyaga Tanganyika.

JPEG - 66.8 ko
Intatemwa y’umuganwa Rudoviko Rwagasore

IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.