IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ’’Iri hayanishwa rizofasha abarundi n’abanyakenya guhanahana ubumenyi’’-SINDIMWO

’’Iri hayanishwa rizofasha abarundi n’abanyakenya guhanahana ubumenyi’’-SINDIMWO

mardi 19 Nyakanga 2017

Mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura k’umugaragaro iryo hayanishwa gurishwa kuruno wa kabiri igenekerezo rya 19 nyakanga 2017, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO yamenyesheje ko iryo hayanishwa ryerekana ko Aburundi n’abanyakenya bashobora gukorera hamwe kugira bagwize umwimbu kandi ko ari ikimenyetso ko Uburundi bugiye mw’isemo ryo kugwiza ibikorwa kugira bubone kwimbura vyinshi.

Gaston SINDIMWO yavuze ati : “ Dufatanye n’Abanyakenya turashobora guhingura utuntu dutandukanye nk’amata n’ibindi kugira umwimbu ubonetse aho kwononekara ukorwemwo ibindi bintu bitandukanye”.

Gaston SINDIMWO yavuze kandi ko iryo hayanishwa gurisha rikura impari rikerekana ko mu Burundi hariho abantu bakora ibikorwa vyo guteza imbere ubutunzi bw’igihugu.

Twobamenyeshako iryo hayanishwa gurisha ry’ibindandaza vyo mu Burundi n’ivyo mu gihugu ca Kenya ryatanguye kw’igenekerezo rya 15 nyakanga 2017 rikazorangira kw’igenekerezo rya 23 nyakanga 2017.

Iryo hayanishwa gurisha ryatunganije na Reta y’Uburundi iri kumwe n’ubuserukizi bwa Kenya mu Burundi.

JPEG - 80.1 ko
Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ahejeje kwugurura ihayanishwa gurishwa

Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.