IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Isekeza ry’imisi 16 yahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme (...)

Isekeza ry’imisi 16 yahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme rigiye gutanguzwa

vendredi 24 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru kuri uwu wa gatanu, umushikiranganji Martin NIVYABANDI yamenyesheje ko iryo sekeza rizotangura ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 25 Munyonyo, risozerwe kw’igenekerezo rya 10 Kigarama.

Nk’uko bishikirizwa n’umushikiranganji NIVYABANDI, iryo sekeza ry’iminsi 16 rizoba ku civugo : «Ntihagire n’umwe dusiga inyuma mu gutuza amabi akoregwa abakenyezi n’abigeme». Rizotangurira ku munsi mpuzamakungu wahariwe kugwanya amabi akoregwa abakenyezi n’abigeme, rirangire kw’igenekerezo rya 10 Kigarama, umusi mpuzamakungu wahariwe agateka ka zina muntu.

JPEG - 46.8 ko
Martin NIVYABANDI, umushikiranganji w’agateka ka zina muntu, imibano n’iterambere ridakumira

Intumbero yo guhuza ayo matariki, nk’uko bisigurwa n’umushikiranganji Martin NIVYABANDI, ikaba ari iyo kwerekana ko gukorera amabi abakenyezi n’abigeme ari uguhungabanya agateka ka zina muntu.

Ico kiringo kikaba gihurirana n’iyindi minsi mikuru ihambaye nk’itariki y’uwa mbere Kigarama, umusi mpuzamakungu wahariwe kugwanya ikiza ruhonya nganda SIDA, itariki ya 3 Kigarama, umusi mpuzamakungu wahariwe abagendana ubumuga.

Umushikiranganji NIVYABANDI arongera akamenyesha ibikorwa bitegekanijwe bijanye n’iryo sekeza, hakaba harimwo nko kumenyesha abarongozi b’imitumba n’imboneza zitandukanye itegeko ryerekeye gukinga amabi afatiye ku gitsina, gukingira abayakorewe no guhasha abayakoze, kumenyekanisha umugambi wa Reta wo kuva 2017 gushika 2021 werekeye kurwanya amabi afatiye ku gitsina, itunganywa ry’ibiganiro vyo kujijura no guhimiriza abarongozi bo ku mitumba, n’abo bose begwa n’izo ngorane, ku bijanye no kugwanya amabi afatiye ku gitsina, hamwe n’itunganywa ry’inyigisho z’inzira zitanu zibereye gusumba izindi mu bikorwa vyo kurwanya amabi afatiye ku gitsina.

Iryo sekeza rizotangurizwa mu ntara ya Bujumbura muri komine ya Kabezi.


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.