IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe CATED rirahakana ko ata mukozi wo mu nzu yinjizwa muri ryo ku (...)

Ishirahamwe CATED rirahakana ko ata mukozi wo mu nzu yinjizwa muri ryo ku nguvu

jeudi 4 janvier 2018

Richard MANIRAMBONA arongoye ishirahamwe CATD, abishikirije mu gihe haciye iminsi hari abakozi bo mu nzu bo muri zone ya Kanyosha bafatwa bakakwa karangamuntu zabo, bamenyeshwa ko bazisubizwa babanje gutanga amafaranga y’ikarata ndangabakozi wo mu nzu.

Uwo muyobozi w’ishirahamwe CATD avuga ko ivyo biriko birakorwa, inyuma yaho habaye inama ihuza abakozi n’abakoresha bose inyuma yo kubona ko hari abantu biyadukiza bakiyita abakozi bo mu nz,. kandi ari abagizi ba nabi.

Ati : “Ntidushaka abantu batwinyegezamwo biyitirira abakozi bo mu nzu kandi ari abagizi ba nabi,kuberiki hari abakozi badashaka kumenyekana ?”

Kuvyerekeye gusanga mu mihana abo bakozi bo mu nzu mu kubaha ayo makarata,uwo arongoye CATD amenyesha ko ivyo vyafunditswe kuva kera hagati y’abakozi n’abakoresha,kandi ko ata mukozi azota imirimo bakwiye kubasanga ku kivi.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.