IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe FOLUCON.F riranegura uko abitaba ibiganiro i Arusha (...)

Ishirahamwe FOLUCON.F riranegura uko abitaba ibiganiro i Arusha batumiwe

lundi 27 novembre 2017

Mw’ikete ishirahamwe FOLUCON.F ryandikiye umufasha w’umuhuza mu biganiro William Mkapa, iryo shirahamwe rimenyesha ko ridatahura ingene ritatumiwe mu gihe rikorera mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu nko kurwanya ibiturire, akarenganyo,intwara ibereye no kurwanya igiturire.

Muri iryo kete, ishirahamwe FOLUCON.F rimenyesha ko ryoryo ritatumiwe mu biganiro, mu gihe hari ayandi mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike abayaserukira batumiwe kandi ata shirahamwe na rimwe baserukira rikorera mu Burundi.

Ishirahamwe FOLUCON.F rimenyesha kandi ko hari n’abandi batumiwe nk’abaserukira imigambwe kandi ata migambwe bafise ikorera mu Burundi, iyindi migambwe nayo igahabwa ibibanza vyinshi vy’abitaba ibiganiro kandi hari abataronse ikibanza na kimwe.

JPEG - 59.7 ko
Gerard HAKIZIMANA,Umukuru w’ishirahamwe FOLUCON.F

Ryisunze ivyo vyose, ishirahamwe FOLUCON.F rimenyesha ko hadahindutse uburyo bwo gutumira abitaba ibiganiro,ivyo biganiro ata nyishu nziza bishobora kuzana.

Igice ca kane c’ibiganiro biriko bibera I Arusha kizomara iminsi 12,bamwe mu baserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yahagaritswe gukorera mu Burundi, bamenyesheje ko batazokwitaba ivyo biganiro.

Ayo mashirahamwe 18 amenyesha ko badashobora kwitaba ibiganiro, mu gihe abayarongoye ata cizere bafise k’umutekano wabo mu gihugu ca Tanzaniya, kandi ko habaye n’ikumirwa mu gutumira abitaba ibiganiro.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.