IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe MAC ryatanze imfashanyo ku barundi baheruka guhunguka

Ishirahamwe MAC ryatanze imfashanyo ku barundi baheruka guhunguka

vendredi 18 Myandagaro 2017

Aime Pascal NDUWIMANA aserukira imbere y’amategeko MAC yamenyesheje ko batanze iyo nfashanyo kuko biri mu mugambi bihaye gushika mu mwaka wa 2026 wo gufasha abantu batishoboye, kandi hatanga umutima kuko hari abantu bafise ibintu vyinshi ariko badashobora gutanga n’ikintu na kimwe mu vyo bafise.

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO yamenyesheje ko abarundi dukwiye gutangura ingendo nshasha yo gufashanya nkuko MAC ibikora kuko isanzwe ihamagarira abantu bose gufashanya mu budasa bwabo.

JPEG - 68.4 ko
Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO atanga infashanyo

Gaston SINDIMWO yasavye abaronkejwe iyo mfashanyo kuvyara ku rugero kugira hashobore kuba igabanuka ry’ umurindi w’igwirirana ry’abantu ryibonekeza mu gihugu .

Umushikiranganji w’agateka ka zina muntu Martin NIVYABANDI mw’ijambo ryiwe yamenyesheje ko gutanga ikiri ku mutima ko bisumba gutanga ibindi bintu vyose bibaho, kuko gufasha bihera mu mutima.

Martin NIVYABANDI yasavye ko ayandi mashirahamwe yoza arashigikira abantu mu vyo bakenera kuko iyo hari ubukene ,atakazi kaboneka kandi agateka ka zina muntu gaca gahungabana.

Mwomenya ko uwo mugambi wa MAC uzobandanya gushika mu mwaka wa 2026 ukaba wahariwe icivugo kivuga giti « ubumwe mu budasa » , mu baronkejwe imfashanyo,umuntu umwe yaronka ibiro 10 vy’umuceri.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.