Accueil > Amakuru > umutekano > Ishirahamwe OSR risaba ishirwaho ry’ikigega co gushumbusha abagize (...)
Ishirahamwe OSR risaba ishirwaho ry’ikigega co gushumbusha abagize amasanganya n’amakinga
mardi 2 janvier 2018
Nixon HABONIMA arongoye ishirahamwe Observatoire pour la Securite Routiere (OSR) avuga ko muri rusangi inyuma y’igenekerezo rya 27 Kigarama 2017, ata masanganya menshi yibonekeje mu gihugu, uretse uduce tumwe tumwe vyabonetse ko habaye gufata minenerwe ibijanye n’amategeko y’ibarabara.
Umukuru w’ishirahamwe rikurikiranira hafi ibijanye n’umutekano mw’ibarabara avuga ko hakiri abantu bamwe bamwe bafata amabarabara nkuko ata mategeko ayagenga ahari, agasaba abarongozi ko ibihano k’uwuhungabanije umutekano w’ibarabara vyofatwa ata nkunzi.
Ku ruhande rwa Reta, Nixon HABONIMANA asaba ko Reta yoshiraho ikigega co gushumbusha abagendesha amakinga bagize amasanganya, canke abagonzwe n’amakinga, kuko nayo nyene mu kwinjira mu gihugu ariha amakori, akaba kandi ari no muyashobora gutuma haba amasanganya.
- Nixon HABONIMANA, Umukuru w’ishirahamwe OSR
Nixon HABONIMANA agasaba abagendera mw’ibarabara kwama bagavye, bakumvako ingendo yo kuvuga ko hapfa uwugeze boyisezerera.
MUGISHA Van Naris