IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe PARCEM rivuga ko hari ikibuze ku mafaranga atangwa y’iterambere (...)

Ishirahamwe PARCEM rivuga ko hari ikibuze ku mafaranga atangwa y’iterambere ry’amakomine

mardi 3 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Faustin NDIKUMANA arongoye ishirahamwe PARCEM mu kiganiro yatanze kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 03 Ntwarante 2018, ku kibazo kijanye n’iterambere ry’ama komine, yashikirije ko komine ari ihangiro y’iterambere mu gihugu, ndetse ko hariho n’imigambi ikorwa ku rwego rw’igihugu yo guteza imbere amakomine uko umwaka utashe.

Uwo arongoye PARCEM avuga ko muri rusangi ko habuze ico bita umugambi ufatira kuvyo komine ishoboye n’ivyo ubutunzi kama komine ifise bituma haba iterambere mw’ikomine.

Kubwa Faustin NDIKUMANA, hari inkingi 6 zitaboneka neza mw’iterambere rya komine ingene zihagaragwako, ingene zishigikirwa nazo akaba ari : intwaro ibereye, ukuntu abikorera utwabo mw’ikomine botezwa imbere, amagara y’abantu, ivy’indero no gufungura, ibiharuro komine ifise ikorerako impande zose mw’ikomine, ukuntu amafaranga aronderwa n’uko akoreshwa n’igendurwa ry’uburyo bukoreshwa mw’ikomine.

JPEG - 32.6 ko
Faustin NDIKUMANA, umukuru w’ishirahamwe PARCEM

Faustin NDIKUMANA avuga ko atabona ico amafaranga atangwa y’iterambere ry’amakomine amaze gukora, aho akaba ari mu gihe n’ayandi ari mu gutangwa mu makomine yose agize igihugu c’Uburundi.

Uwurongoye PARCEM asaba Reta ko amafaranga atangwa yokoreshwa mu kurondera iterambere ry’ikomine.


Callixte NDIKUMANA

Messages

  • None ivyontuvubiyemwo ivyo papa Burundi aherutse kuvuga akebura abahabwa aryamahera? Ntiwibuka koyananeguye abayakoresheje mukwubaka inyubakwa ya Zone yigorofa.
    Gusa rekatubuge kobiryoha bisubiwemwo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.