IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ivyaha vyakozwe mu Burundi ntibirengeye Sentare z’Uburundi, kubwa (...)

Ivyaha vyakozwe mu Burundi ntibirengeye Sentare z’Uburundi, kubwa CNIDH

lundi 11 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, umukuru wa CNIDH, Jean Baptiste BARIBONEKEZA yamenyesheje ko uwo murwi wirengagiza ingingo ngenderwako z’ubutungane mpuzamakungu ukihutira gukabura sentare mpuzamakungu mpanavyaha (CPI) kugira itangure amatohoza kandi uwo murwi udatanze imvo zumvikana hamwe n’uburemere bw’ivyaha biba vyakozwe.

Jean Baptiste BARIBONEKEZA yavuze ati : “Uyo murwi w’amatohoza mu Burundi usa n’uwirengagiza ingingo ngerwako z‘ubutungane mpuzamakungu, ukihutira gusaba ingingo zikomeye utihweje kamere, imvo n’imvano, igitigiri n’uburemere bw’ivyaha biregwa hamwe no gusuzuma ububasha n’ishaka vy’ubutungane bw’Uburundi mu gutohoza no gukirikirana ivyaha vyakozwe no guhana abo vyagira”.

JPEG - 29.6 ko
Jean Baptiste BARIBONEKEZA, umukuru w’umurwi w’igihugu CNIDH

Muri CNIDH bavuga ko ivyo bahurizako n’umurwi mpuzamakungu wa ONU ujejwe gutohoza ivy’agateka ka zina muntu mu Burundi, ari uko uwo murwo wiyemerera ko utigeze uhonyoza ikirenge mu Burundi kugira uronke amakuru y’imvaho hamwe n’uko abo bahinga biyemerera ko ico cegeranyo cabo kigizwe n’amakuru yatanzwe n’uruhande rumwe rugizwe n’abarundi bamwe bamwe bari mu buhungiro.

Muri CNIDH basaba sentare mpuzamakungu mpanavyaha guhagarika umugambi w’itohoza ry’intangamarara yatanguye kuwa 25 Ndamukiza 2016 ku vyerekeye ivyabaye mu Burundi, kugira ubutungane bw’uburundi abe aribwo butohoze ku birego vyose bijanye n’ivyaha vyakozwe mu Burundi.


Vianney BIKORIMANA

Messages

  • Uwomugabo ariko aravugiki icogikoresho cankurunziza!, mwebwe murafise ivyomutohoza ngaha muburundi? icomuzi muzi gukingira inkozi zikibi mububisha bwazo zirirwa zirakora, ngo mujejwe rwagateka kamuntu icomuzi murazi!.
    Mbega ubwo bucamanza uriko uravuga nubwahe buringaha muburundi?
    konzi mubacamanza beshi basanzwe bashingikiye Nkurunziza petero mumabi ariko akorera abenuburu, ubwo bwokubahuka gucira urubanza Nkurunziza hamwe nabakoresha mukwica abenigihugu!? oya ntigishoboka ivyuburundi bikwiye gukurikiranwa nasentare mpuzamakungu.
    Bitaruko ntabandi bashoboye gucizomanza, barabanza bacimanza zimbonerakure bahoneje abenigihugu niho nzobemera, nayibindi babirekere ababishoboye,kandi batarya igiturire.

  • Uyo Baribonekeza ntazi ivyo avuga. Aribuka abategetsi ntiriwe ndavuga ingene birigwa bariyamamura bavuga ko ata muntu azohonyoza ikirenge mu Burundi ngo aje gutohoza? None ngo muvyo bahurizako n’uwo mugwi ngo ni uko batatohoreje mu Burundi.

  • Aba DD ko mwagize ubwoba?hama uyo nawe izina niryo muntu uri Baribonekeza kweli,muraje mukubitwe intahe mu gahanga izuba riva,amaraso y’inzirakarengane azobasama

  • Ngmba Kwinjir Ngaha Iwanyu Nen Nobigenza Gt

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.