IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ingingo zibiri "Résolutions" zemejwe na ONU ku Burundi zivuga (...)

Ingingo zibiri "Résolutions" zemejwe na ONU ku Burundi zivuga iki?

samedi 30 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Icegeranyo uwo murwi wongewe ikiringo wari watanze kivuga ko agateka ka zina muntu kahonyanzwe mu Burundi, ivyagirizwa bamwe mu bategetsi b’Uburundi. Ico cegeranyo casaba ko Sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI yotanguza amatohoza nyezina mu Burundi. Muri uwo mwaka bongewe bazokwishikira mu Burundi kubandanya ayo matohoza, aho akaba ari mu gihe muri ico cegeranyo ca mbere, abahinga bakoze ayo matohoza bari bamenyesheje ko Reta y’Uburundi itabemereye kwishikira muri ico gihugu.

Ivyo vyasabwe n’ubumwe bwa Buraya vyemejwe n’ibihugu 22, ibihugu 11 biravyanka, hamwe n’ibihugu 14 ataco vyabivuzeko. Abo bahinga ba ONU bakoze icegeranyo c’ubwa mbere bongewe ikiringo bazotanga icegeranyo mu nama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe agateka ka zina muntu mu kwezi kwa Nyakanga 2018.

Iyo ngingo (Résolution) yatanzwe n’ubumwe bwa Buraya yemejwe mu gihe kuri uwu wa kane naho, hari hemejwe ingingo yari yashikirijwe n’ibihugu vya Afrika birongowe na Tuniziya. Muri iyo ngingo, bavuga ishirwaho ry’abahinga bandi ba ONU bazokora amatohoza mu Burundi. Abo bazotanga icegeranyo ku mushikiranganji w’ubutungane bw’Uburundi, ivyaha bizoba vyakozwe bihanwe n’Uburundi.

Abanonosoye ivy’amategeko bavuga igikuru ari uko yaba ibihugu vy’ubumwe bwa Buraya, yaba umurwi w’ibihugu vyo muri Afrika, bose bemeza ko amabi yakozwe, ariko gusa ikibazo kikaba ari uko ibihugu vya Buraya hamwe na Afrika bidahuriza ku bohana abazokwagirizwa ivyo vyaha. Afrika ishigikiye ko abazokwagirizwa ivyo vyaha bohanwa n’ubutungane bw’Uburundi, mu gihe Ubumwe bwa Buraya bushigikiye ko abozokwagirizwa ivyo vyaha bahanwa na Sentare mpuzamakungu mpanavyaha. Iyo mirwi yose uko ari ibiri ishobora gukorana, naho batazotanga icegeranyo hamwe.

Reta y’Uburundi ivuga ko izokorana n’abo bahinga ba ONU mu gihe boza bafise ugushaka kw’ukwereka abajejwe umutekano hamwe n’ubutungane ingene amatohoza akorwa. Firipo NZOBONARIBA umuvugizi wa Reta y’Uburundi agira ati :

"Ico Reta itazokwemera ni uwuzoza avuga ngo bandungitse gutohoza ivyaha vyakozwe kuko mwebwe ntimuzi gutohoza. Ico ntawuzocemera kuko abajejwe ubutungane, abaporisi bacu barize. Uwuza avuga ati reka dufadikanye mu kwigisha ubuhinga bw’ugutohoza, ivyo Reta izovyemera."

Imbere y’uko uwo murwi w’abahinga ba ONU wongerwa ikiringo, ubushikiranganji bw’agateka ka zina muntu bwari bwamenyesheje ko Reta y’Uburundi itazokwemera ko umugwi ugizwe n’abahinga ba ONU bajejwe amatohoza ku mabi yabaye mu Burundi kuva mu kwezi kwa ndamukiza 2015 wongerwa ikiringo c’umwaka, kuko hariho umurwi inama nshingamateka iheruka gushiraho kugira urabe ko ivyagirizwa inzego za Reta arivyo.

Umushikiranganji w’agateka ka zina muntu Martin NIVYABANDI asigura ko n’aho bohindura abagize uwo murwi, Reta y’Uburundi itazokwemera kuko ivyama bishikirizwa n’uwo murwi aba ari ibinyoma.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.