IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > KARERWA: ’’Abapfunzwe barekuwe kugira dukomeze amahoro n’ubumwe’’

KARERWA: ’’Abapfunzwe barekuwe kugira dukomeze amahoro n’ubumwe’’

vendredi 3 Ruhuhuma 2017

Icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Jean Claude KARERWA NDENZAKO amenyesha ko abarekuwe n’ikigongwe c’umukuru w’igihugu batarekuwe kubera ari abanywanyi b’umugambwe kanaka ,ariko ko barekuwe kubera ivyaha bakoze vyari bikwije ibisabwa kugira bagirirwe ikigongwe.

Jean Claude KARERWA NDENZAKO avuga ko irekurwa ry’abari bapfunzwe ku kigongwe c’umukuru w’igihugu,vyakozwe mu ntumbero yo gushaka gukomeza amahoro n’ubumwe mu gihugu.

Abantu barenga ibihumbi bibiri n’amajana atanu bahora bapfungiwe mu mabohero atandukanye nibo barekuwe n’ikigongwe c’umukuru w’igihugu, muri abo hakaba harimwo abanywanyi b’umugambwe MSD bafashwe mu kwezi kwa gatatu umwaka wa 2014.

Abandi barekuwe barimwo abafashwe mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu yatanguye mu kwezi kwa kane umwaka wa 2015, hakabamwo kandi abaciriwe imanza bahanishwa imyaka itanu yo gupfungwa canke iyiri munsi yayo.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.