IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kamenge : Abana babiri bitavye Imana bagonzwe n’imodoka

Kamenge : Abana babiri bitavye Imana bagonzwe n’imodoka

mardi 28 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Iryo sanganya ryabaye nk’igihe c’isaha imwe, imodoka yo mu bwoko bwa "Double cabine" yacitse ibiyituma ihagarara (Freinage) iriko iramanuka yinjira mu gisagara ca Bujumbura, muri komine Ntahangwa.

Abana babiri bagonzwe n’iyo modoka baciye bitaba Imana aho nyene, iyo modoka ikomeretsa n’abandi bantu bagera kuri 10, nk’uko vyemezwa n’igiporisi c’Uburundi.

Umudereva wayo yaciye ahunga, n’ubu ntaraboneka. Igiporisi kimenyesha ko ariko araronderwa, ku mvo z’amatohoza.

Abakomeretse batwawe kwa muganga n’igiporisi.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.