Accueil > Amakuru > umutekano > Kamenge : Abana babiri bitavye Imana bagonzwe n’imodoka
Kamenge : Abana babiri bitavye Imana bagonzwe n’imodoka
mardi 28 Munyonyo 2017, par
Iryo sanganya ryabaye nk’igihe c’isaha imwe, imodoka yo mu bwoko bwa "Double cabine" yacitse ibiyituma ihagarara (Freinage) iriko iramanuka yinjira mu gisagara ca Bujumbura, muri komine Ntahangwa.
Abana babiri bagonzwe n’iyo modoka baciye bitaba Imana aho nyene, iyo modoka ikomeretsa n’abandi bantu bagera kuri 10, nk’uko vyemezwa n’igiporisi c’Uburundi.
Umudereva wayo yaciye ahunga, n’ubu ntaraboneka. Igiporisi kimenyesha ko ariko araronderwa, ku mvo z’amatohoza.
Abakomeretse batwawe kwa muganga n’igiporisi.
Egide NDUWIMANA